East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond na mushikiwe ngo boba babeshe ko Tanasha yavyaye

Ukuri kw’inkuru y’ivuka ry’umwana mushasha, kwoba kugoye kwemeza, kuko umuvyeyi wenyene, Tanasha, yahakanye ishusho y’umwana bakwiragije hose.

Amakuru dukesha bimwe mu binyamakuru vyo muri kano karere, avuga ko hoba hari icuka kitari ciza hagati ya mushiki wa Diamond hamwe n’umukunzi wa Diamond, Tanasha.

Inyendamuvano, ngo ni ishusho y’umwana yoba yakwiragijwe n’uwo mwigeme aho yavuga ko Tanasha yoba yibarutse, ivyo kandi ngo bikaba vyari vyanakozwe na Diamond ubwiwe, ivyo yahakanye.

Nawe akoresheje urubuga rwa Instagram ngo yahavuye aca abinyomoza mu kuvuga ko uwo mwana atari rwiwe naho atatomoye neza nimba yoba yavyaye canke atarivyo.

Aho ni mu gihe imisi iharurwa ku ntoke, kuko Diamond aho yaheruka i Kigali mu kwezi guheze yari yamenyesheje ko hasigaye ukwezi 1 gusa ngo Imana imuhezagize uwundi mwana.

Ubu rero hakaba hari ibibazo bitari bike vy’ukumenya nimba uwo muririmvyikazi akaba kandi n’umumenyeshamakuru yoba yavyaye canke ari ububeshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769