East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Diamond na Rayvanny ngo bagiye kuba intore

Inyuma y’igihe bamwugariye gukora igikorwa na kimwe c’umuziki muri Tanzania n’inyuma y’igihugu, ikigo kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania cahavuye kimenyesha ko Diamond na Rayvanny barekuriwe gusubira gukora.

Uwo muririmvyi co kimwe na mugenziwe bakaba bemeje ko bafise umunezero udasanzwe kubona babarekuriye ngo basubire gukora ibikorwa vy’umuziki basanzwe bakora.

Bakaba bamenyesha ko ubu imbere y’ugushira ahabona indirimbo ngo bazobanza kuyicisha imbere y’ico gisata kugira barabe ko ari sawa. Akarorero kakaba ar’ak’indirimbo baciye bakora bacumva ko barekuriwe, ubu ikaba ari imbere y’abo batware.

Ku kibazo ca Wasafi Festival itari bwabe i Dar-es-sallam, Diamond avuga ko ataco yovuga cane kuko ngo bisaba ko aganira n’umurwi wose umufasha gutegura ico gikorwa.

Abo baririmvyi uko ari 2 bakaba bari bahowe ko bari baririmvyi muri Wasafi Festival indirimbo Mwanza bari bahagarikiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769