East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond ngo yari umwana w’umuzanano, bishoboka ko arico gituma atafashije uwo yita se

 

Bwabundi ngo Diamond Platnumz n’umwana w’umuzanano, ngo s’uwa Mzee Abdoul Juma yarasanzwe azwi ko ariwe se amuvyara. Iyo ikaba ariyo nkuru igezweho muri ino misi ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye muri Tanzania.

Iyo nkuru ikaba yemejwe n’uwo muvyeyi wiwe ubwiwe aho yavuze ko aho yagenda kwubakana na Mzee Abdoul Juma ngo yagiye afise iyo nda. Uwo muvyeyi yanavuze ko  Mzee juma yamemye abizi ko Atari rwiwe kuko yama abimucurira ko uwo mwana Atari rwiwe.

Nayo Mzee Abdoul mu biganiro agize imisi atanga yabandanije agaruka ko ubu bitanze umuco wose kuki Diamond atigeze amufasha.

“Nahora nibaza cane igituma ntafashwa kandi ari umwana wanje, kumbe hari icari cinyegeje inyuma y’ico ariko batashima kumbwira.” Vyashikirijwe na Mzee Abdoul Juma kuri Micro za SNS

Umuvyeyi w’ukuri wa Nasibu Aboul Juma ngo yitwa Salum iddy asanzwe ari n’umuvyeyi wa Ricardo Momo asanzwe akorera muri Wasafi Label aho ari Manager wa Lavalava umwe mu baririmvyi ba Diamond Platnumz.

Mwokwibuka ko Diamond Platnumz bamye bamutera amabuye aho bavuga ko atariko arafasha umuvyeyi wiwe mu gihe uwundi we abayeho nk’umwamikazi. Ariko naho vyar’uko uwo Mama wiwe yamye avuga nawe ko amufasha ibishoboka, ngo uburyo bunarungikanwa Queen Darleen asanzwe yafatwa nka Mushikiwe, ariko vyukuri ngo siwe, kuko badasangiye se.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769