BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond Platnumz, Mkombozi na Rayvany bibiwe hamwe

Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkombozi na Nasbu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond ngo baheruka kwibirwa hamwe. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Mkombozi ubwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi amaze amezi arenga 10 mu gihugu ca Tanzania, akaba yibiwe mu busuma buheruka kubera kuri imwe mu ma Studio asanzwe akomeye muri ico gihugu, kandi akoreramwo n’ibihangange mu muziki muri ico gihugu nka Diamond.

Ku rubuga rwa Instagram, Mkombozi yasavye amasengesho kuko urukurikirane yariko araheraheza rwamaze kwibwamwo zimwe. Ariko hakaba hariho icizere kuko igipolisi ca Tanzania kimaze gufata bamwe mu bakoze ubwo busuma, ariko inyabwonko yo ikaba itaraboneka.

Mkombozi yagiz ati : “ Munsengere mwabantu mwee, Muri Album yanje maze imisi mperaheza hari indirimbo zibwe muri studio ya S2kizzy harimwo n’indirimbo za Diamond Platnumz Rayvanny n’abandi benshi. Ariko igipolisi kiramaze gufata bamwemubakoze ubwo bubisha ariko Laptop ntiraboneka.”

Aha mukibuka indirimbo yiwe ya nyuma aheruka gushira ahabona ari iyo Jerusalem na Corona yasohoye haraheze amezi ashika kuri 5,  izo zose zikaba zisa n’izasohokeye rimwe kandi anazikorana n’umuntu umwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775