East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond Platnumz yavuze Ku bucuti buvurwa hagati yiwe na Shaddy Boo

Shaddy Boo ngo n’icamamare nkawe, bamenyanye biciye kuri Instagram kandi amweretswe na Manager wiwe, Sallam SK, anamutumira mu biteramo muri Tanzania.

Nta bucuti budasanzwe buri Hagati ya Diamond na Shaddyboo Boo, ivyo nivyo Diamond yavugiye I Kigali Ku musi w’ejo aho yari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ico kibazo yakibajijwe inyuma yaho havugiwe ko uwo mukobwa boba bafitanye ubucuti bwa hafi ariko ntibashime kubishira ahabona, eka ngo boba baranaryamanye aho aheruka I Kigali mu biteramo.

Diamond akaba ashimangiye ivyo Shaddyboo yari yashikirije nawe abazwa ico kibazo aho ayavuze ko be na Diamond ari icuti zisanzwe.

Mwokwibuka ko Diamond afise igiteramo mu Rwanda kuri uyu wa gatandatu, inyuma y’ico yakoreye I Bujumbura kuri uyu wa gatanu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769