East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Diamond Platnumz yiswe igisuma komvyo

Diamond Paltnumz ngo n’igisuma komvyo, kuko uburyo akora indirimbo ziwe aba yabwivye ku bandi baririmvyi barimwo n’abanyafrika.

Nasibu Abdoul Jum ngo n’igisuma komvyo mu bijanye n’ugukora amasanamu y’indirimbo ziwe n’abari muri WCB. Ico kirego kikaba gishikirizwa na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya Kiss 100.

Ico kinyamakuru gisanzwe gikurikiranira hagufi ivy’umuziki, kikaba giheruka gushira ahabona indirimbo 5 z’ico gihangange n’iz’abiwe zikozwe co kimwe n’iz’abandi zaba zasohotse imbere yazo.

Izo ndirimbo bashize ahabona muri iyi myaka 2 iheze, ngo zibwe kuzindi zaba zasohotse zimwe mu misi mikeya gusa imbere yazo, nayo izindi zikaba zaba zashotse mu myaka ishika 9 iheze.

Murizo harimwo iyo yise Baila yakoreye muri Amerika igihe atandukana na Zari, iyo ngo yayikoze co kimwe n’imwe mu ndirimbo z’indirimbo y’umuhindi.

Iyindi ndirimbo yavuzwe ni Mwanza, yo ikaba yibwe ku ndirimbo yari yasohotse ukwezi kumwe imbere yuko isohoka, iyo nayo ikaba ari indirimbo y’umunyaKenya yitwa Babuji .

Iya 3 yavuzwe ko yivye uburyo yayikoze n’indirimbo Time to Party yakoranye na Flavour, iyo nayo ikaba yibwe ku ndirimbo y’umuririmvyi Chris Brown yakoranye na Usher mu mwaka wa 2014.

iya 4 ari nayo ya nyuma muziwe, ikaba ari Tetema aheruka gushira ahabona, arikumwe na Rayvanny, iyo uburyo yakozwe bukaba bwibwe ku muririmvyi w’umunyamerika, nawe yari yambitse abatamvyi biwe impuzu nkizo Diamond yabambitse, co kimwe n’ikibanza bakoreyemwo kikaba cari nka kimwe.

Iya 5 yo ikaba yakozwe numwe mubo muri Wasafi, iyo nayo ikaba ari Pete yake ya Mbosso, iyo nayo ngo ikaba yibwe ku ndirimbo ya R Kelly yise When a woman Love, iyo ikaba yasohotse mu mwaka wa 2010.

Ico kinyamakuru kikavuga ko uwo muririmvyi ari igisuma co ku rwegp rwo hejuru, aho bakavuga ko izo bashikirije ari agace gato kuzo amaze kwiba uburyo akora amasanamu yiwe. Diamond co kimwe n’umurwi wiwe akaba ataco barashikiriza kuri ivyo vyavuzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556