africa newsAkes DonEast Africa NewsEntertainmenthomepageIndundi Hits ShowsMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Diamond yarahiye ararengwa ko atazomuca inyuma

Diamond ngo yahindutse ivy’ugucana inyuma ntagisubira, ubu agiye gukunda umwigeme Tanasha wenyene.

Diamond aremeza ku mugaragaro ko ivy’ugucana inyuma ngo agiye kubihagarika, ico nico yabwiye umwigeme Tanasha bagize igihe bari mu rukundo anaheruka kwereka umuryango, abicishije ku rubuga rwa Instagram.

Mu rurimi rw’igiswahiri n’icongereza, uwo mwanditsi w’uturirimbo dutandukanye twafashije benshi, yakoresheje amajambo amwe amwe aboneka mu ndirimbo ziwe, aho yongeyeko ati:”Kuguca inyuma sinzogerageza kuko ndagukunda cane”.

“Sura yako mtaratibu… Mwenye Macho ya Aibu… kukucheat sitojaribu maana Nakupenda Sana”

Naho biruko bamwe bamwe bakaba batavyemera kuko uwo muririmvyi aharurwa mu basohokanye n’abigeme benshi bazwi muri ico gihugu ca Tanzania, uwa nyuma akaba yari umugandekazi Zarinah, ari nawe bamaranye igihe kingana n’imyaka 4 banaronkeyemwo abana 2. Ariko uwo mugore bakaza kuvana muri uno mwaka wa 2018 mu kwezi kwa 2, igenekerezo rya 14.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723