BurundiDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promoteddiaspora youthfeatured diasporakirundi

#Diaspora| Abarundi baba mu bushinwa bagarukiye ku rwaruka rwo mu Gatumba

 

Umutima w’urukundo atari uw’ubutunzi niwo wazinduye abarundi bahurikiye muri Diaspora y Uburundi mu Ubushinwa berekeza kugarukira ku bibondo vya ba ntaho nikora vyo mu Gatumba bitari bwaronke ibikoresho vy’ishure .

Abana 125 biga kuva mu mwaka wambere gushika mu mwaka w’indwi nibo baronkejwe imfashanyo igizwe n’amakaye ,amakamu, n’ibirato kuko bamwe muribo bagendesha ibirenge bisa.

S’agaseseshwa rumuri, muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura, ibibondo vyo kw’ishure rya Mushasha yambere, na cane cane bituruka muri site y’ abateshejwe izabo biturutse ku mvura y’isegenya yahitanye ivyabo n’izabo , biri mu bukenene budasanzwe .

Amajambo yashikirijwe n’ivyo bibondo ,abavyeyi n’abarezi bo kuri iryo shure ,yari agizwe no gukenguruka iyo mfashanyo bongera basaba ko bokwama bagarukirwako kuko ingorane zibahanze ari nyinshi.

Louis Nzisabira yari yaserukiye abarundi baba mu bu Chinwa we akaba yasavye urwo rwaruka ko rwokunda ishure, yongera atera akamo abandi bafise ico botanga, na cane cane abafise umutima wo gutanga ko bogarukira ivyo bibondo mu ntumbero yo gukunda no gushigikira igihugu ca bibarutse nkuko umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Evaliste Ndayishimiye yama yabateye akama

Afatiye akarorero keza k’ico gikorwa cakozwe n’abarundi bo mu bu Chinwa Nzisabira atera akamo ayandi mashirahamwe ahurikiye muri Diaspora y ‘Uburundi kugira ico afashije.
Akabona ko ariyo nzira yokomeza kwerekana ya shusho nziza yerekana ko Abarundi bamye bakundana.

Mwomenya ko iryo atariryo shirahamwe ryambere rigarukiye kuri abo bantu barokotse imyuzurira kuko Amashirahamwe nka BDUSA, n’ abandi barundi bo muri Diaspora bamaze kugarukira kuri iyo miryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513