BurundiDiasporadiaspora eventskirundi

#diaspora |Andre asaba abarundi baba mumahanga gushika mu gihugu bagaterera umuganda wabo

Abanje kwemanga ko abarundi baba mu mahanga bashoboye vyinshi,bafise uburyo bwinshi kandi bize vyinshi, bitandukanye  Andre Nkeshimana, abatera akamo ko gushika mu gihugu bakaraba ibigoye Igihugu, n’imiryango. Uwo aserukira ishirahamwe “Izere Hollande” abandanya kandi abasaba kuvuga igihugu uko kiri, ikibi kikavurwa uko kiri ariko  iciza kigashimangirwa.

Nkeshimana aremaza ko ibere ryayaze mu gihugu abavukana baracanamwo, habamwo benshi baba mu mahanga ari nk’impunzi nkuko vyamubayeko nawe ubwiwe, ariko ibintu vyasubiye ku murongo igihugu gitekanya, abarundi bari ku mirimo, nawe ubwiwe akaba ahamaze igihe atakintu abona coshobora kubabangamira.

Iyo ndongozi ya irongero Izere ikamenyesha ko muri kino gihe ari mu Burundi mu ntumbero yo guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere ry’abanyagihugu, kandi ibikorwa biriko bigenda neza aho bariko barigisha Abarundi imyuga itandukanye ndetse bakabigisha no kuja hamwe mu ma koperative.

Izere kuva mu mwaka wa 2005  ikaba imaze kwubaka ama koperative mu ntara zine(4) zigize igihugu, aho twovuga nka Gitega, Makamba, Bujumbura na Ngozi, bakaba bafasha abanyagihugu kuronka ibibanza vyabo bakoreramwo izo koperative, ku baronsa ibikoresho, ama machine, imitahe, ubumenyi, ndetse no kubahuza n’ abahinga b’aba nya Hollande babafasha mu kuraba ko bokora batera imbere, no kwirimbura ko bakoze neza (Suivie evaluations).

Izere ikaba itagarukirije gushinga ama koperative gusa ahubwo yahavuye inashinga ikigo co gutangiramwo ubumenyi mu bijanye n’imyuga(centre des metiers) aho bigisha ubuhinga bwa none(informatique), kubarira, gusudira,gukora imikate, ndetse no gukora matafari hifashishijwe i machine ya kijambere, ikiba ifise i cicaro mu Kamenge muri Mirango ya 2 kw’i barabara rya 15), ndetse ibikorwa vyo kwugurura ishure ry’imyuga  (ecole des metiers bikaba bigeze kure rikazoba riri mu Ntara ya Bubanza uwu mwaka ukazohera ishure rimaze gutangura.

Izere ikaba idatera akamo abarundi baba mu mahanga gusa, kuko banasaba indongozi z’Igihugu cacu na cane cane umukuru w’Igihugu ko gukora ubwigoro buboneka mu kworohereza Abarundi bakaguma babumbatiye amahoro n’ubumwe, bakarohereza abanyamahanga bakazana imitahe yabo, ndetse bakabakingira bo n’ibikorwa vyabo, bagakora nk’abavyeyi nkuko barongoye Leta mvyeyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512