BurundiDiasporakirundi

#diaspora| Andy Mwag ngo akari inyuma karahinda

Inyuma yo gusohora indirimbo zitanu(5) zo mu rukurikirane yise Nisadie, Andy Mwaga yahavuye ashira ahabona amasanamu y’imwe mu ndirimbo zirugize.

Andy amenyesha ko yabaye arasohora indirimbo zitanu gusa mu ndirimbo 10 yateguriye urwo rukurikirane, akamenyesha ko ashize ahabona igice ca mbere (Epi1)  kandi ko n’urutonde rukurikira rugiye kuja ahabona.

Mu kiganiro na indundi Magazine, abajijwe ku bijanye n’ishusho y’umwana wiwe iboneka mu ndirimbo ziwe, Andy amenyesha ko ubufasha bw’ambere afise ari umuryango wiwe.

Andy akaba ari umwe mu baririmvyi bafise ubushobozi bisangije aho benshi bamuzi kubera  kuvuza guitard solo, mu bihugu bitandukanye vyo mu karere u Burundi burimwo, ndetse no ku mugabane wa Burayi mu biteramo.

Mushobora ku mukurikirana mu kiganiro Aha musi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512