BDUSAAlbinosDiasporadiaspora promotedhomepagekirundi

BDUSA : Gufashanya, kuvuga ukuri no kwubaha amategeko nizo nkingi

Amase ya kera ntagihoma urutaro” ako niko gacamugani Samuel indongozi ya BDUSA asa n’uwifashisha mu kunyurwisha bamwe mu barundi bagifise agatima ko kwishimikiza ibinyoma no gusambura ko bitagikunda muri kino gihe ca none.

 

Ndayiragije Samuel  amenyesha ko muri BDUSA bisunga ubuhinga bwa none, ivyo akabirabisha cane kuri bamwe afata nkabashaka kurwanya imigambi n’imigabo y’ishirahamwe bishimikije ibinyoma, agira ati” “Nyimba ariko bahora babikora bakiri i Burundi ubu ntibigikunda bamenye iyo bari”
Uwo muyobozi akaba yafashe akanya ko kwishura ibibazo vy’abanywanyi.

Ku kibazo kivuga ko yoba yihaye uburenganzira bwo gukura abatowe n’abanywanyi yishura avuga ko yisunga amategeko bishiriyeho kandi ko uwoba abona ko yarenganijwe yorindira inama rukokoma ikazomutunganiriza ndetse ko atabakuye burundu arivy’imfata kibanza.

Ku kibazo kivuga ko yoba atanga amakete amenyesha abanywanyi ntashike yishuye avuga ko ari igikorwa c’abakuru b’intara kandi yizeye ko ubutumwa babugeza kubo bajejwe.
Samuel akamenyesha ko ishirahamwe rihitiye mu bibazo bidasanzwe kandi bigeze ku musozo , akanaremesha abanywanyi ko bagiye kubona ivyo bifuje mu kwinjira mw’ishirahamwe.
Twobibutsa ko igikorwa nyamukuru ca BDUSA ko ari gushirahamwe abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika, gufashanya ku bigoye cangwa ivyiza vy’umuryango, haba ku barundi baba canke abagishika kur’uwo mugabane.
Mu kiganiro co hanyuma tukazobayagira kuvyo uruhande rusa n’urutavuga rumwe n’ubwo burongozi rugona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760