BurundiDiasporadiaspora music videokirundi

#diaspora| Ibikorwa n’amategeko y’ishirahamwe bitunganijwe neza

Mu gihe abenshi mu barundi baba mu mahanga baba bataramenya canke ngo basobanukirwe ibikorwa vy’ishirahamwe ryabo, mu burongozi bwa Diaspora y’Uburundi ho babasaba ko boshira amakenga bakabegera bakabasigurira akarusho ko gukorerahamwe, kuko ishirahamwe ari irya bompi kandi rigakora ry’isunga amategeko kandi rirondera akunguko vy’umunywanyi.

Uburongozi bwa Diaspora y’Uburundi buserukirwa n’Umushingantahe Japhet Legentil  Ndayishimiye yashizweho n’Inama ya bose mu mwaka 2017, buremeza ko buhari kugira bufashe abarundi baba mu mahanga kuja hamwe bagafashanya kandi bagategura ibikorwa vyo gufasha benewabo basize mu gihugu bakabikora bunze Ubumwe.

Baranatera akama abarundi baba mu bihugu bitandukanye bigize isi ko bokwegera aba baserukira mu ntara bagahamvya bandi mu bikorwa vy’iterambere, bakareka kw’ikumira kuko “ubugirigiri bugira babiri” nayo “ukuboko kumwe ntikwiyagaza“.

Abo bayobozi bakanakenguruka intambwe ishirahamwe riteyeko ndetse n’urugezo abanywanyi baguma baryitabirirako, nayo kubataratahura ukwo ishirahamwe ryubatse bakeburira kwegera indogozi zo mu bihugu barimwo zikabatahuza gusumba.

Ngo ntamwonga ubura isato iba idahizwe, nubwo bitunganije neza ntihabura utunenge tumwe tumwe nko kudatahura kumwe amateko y’ishirahamwe, kudategera ububasha bwa bamwe bamwe mu ndongozi, canke kamere igorana guhinduka narirya ku barundi ihinduka risanzwe ritoroshe,utwo natwo ntiduteba gutorerwa umuti kuko iryo shirahamwe ririmwo abashingantahe, n’abapfasoni babushitse.

Ishirahamwe rikaba rifise ‘indongozi, kuva ku rwego rw’isi gushika muri buri gihugu cose  ndetse n’abahanuzwajambo bakaba bahari, Inama ya bose ikaba itegekanywa uko umwaka utashe, ndetse n’igihe cose hari igikorwa cihuta barashobora kuyihamagaza.

Iyo shusho ukurikira ikaba yerekana neza uko ishirahamwe ryubatse muri rusangi.

Mushobora gukurikirana ijambo ry’umwe mu bagize inama mpanuzwajambo yashikirije igihe abo barundi bari baramutse bakoranira hano mu gihugu cacu mu ndwi yabahariwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512