BDUSAAlbinosDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedfeatured diasporahomepagekirundi

#Diaspora| Kunyinyurana no gutanako amakosa birabandanya muri BDUSA

Inyuma yaho indongozi zatowe n’abanywanyi ziyamirije abavuga ko bazikomboye, ubu ho ngo ntirukiri urukurukuru.

Gile Ndikuma yari yahagaritswe vy’infatakibanza mu kibanza c’icegera c’umukuru w’ishirahamwe Samuel Ndayiragije, ubu yemanga ko yagenywe n’amategeko ya Arizona ngo arongore BDUSA vy’imfata kibanza.

Mu kirundi bati:” Nyen’imbugita n’uwuyifashe ikirindi.”, wumviriza ivyashikirijwe mu kiganiro n’umumenyeshamakuru yigenga Raphael Biko, biragoye kumenya uwurongoye BDUSA muri kino gihe.
Gile Ndayiragije kumwe na Alphonsine yahoze ari umuhanuzi ku rwego rw’igihugu, bagiriza Samuel, inyuruzwa ry’umutungo w’ishirahamwe, no gukura abantu uko yishakiye, bakanamenyesha ko bakuye Samuel atakibazwa ivy’ishiramwe.

Kurundi ruhande Samuel arikumwe n’uwujejwe ikigega Simeon Nkunzumwami bakafata Gile na Alphoncine nk’abagarariji barenga amategeko uko bishakiye .
Izo nizo mpande zibiri zisa n’iziriko ziranyinyurana, none iryo shirahamwe ryoba ritagira amategeko canke abahanuzi?

Muri ico kiganiro nyene umwe mubagize urwego rwo gutatura amatati amenyesha ko atako batakoze mukwumvisha uruhande rwa Gile ko bataramuwe hisunzwe amategeko ko botenyenya inama ya bose ikazobatunganiriza.

Ivyo bikaba bidakozwa abari kuruhande rwa Gile kuko babona ko urwo rwego rwahabwa amategeko.
Abafashe amajambo bagasaba impande zose kwumvikana ku nyungu z’umuryango, hakaba n’abasaba abari ku ruhande rwa Gile ko rwoshinga irindi shirahamwe.

Nayo ku kijanye n’imbarutso ya vyose ariyo buryo urwo ruhande rwagiriza Simeon Nkunzumwami ajejwe ikigega kutavuga ukuri kuko ariwe yazanye ikibazo c’uko uburyo bwanyurujwe, ivyo Simeon Nkunzumwamwami yamirira kure mu kumenyesha ko ikigega c’ishirahamwe cifashe neza kandi ko abanywanyi bahabwa ama rapport.

Abajijwe iyo ibi bibazo bizoherera Gile amenyesha ko inzira yari kuba nziza ko yari inama ya bose ariko ko igoye gukorana kuko abo kuruhande rwa Samuel rutomwitaba, ari nayo mpamvu ikibazo kizohezwa n’ubutungane.

Inama rukokomwa ikaba itegekanijwe mu mezi atandatu arimbere mu gihe impande zose zimaze kwitura ubutungane.
Mwomenya ko Ishirahamwe BDUSA ari umuryango munini uhurikiyemwo abarundi baba ku mugabane wa America mu ntumbero yo gufashanya ndetse no gukorera hamwe kugira biteze imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761