DiasporaDiaspora Organizationshomepagekirundi

Diaspora News: Abahamagarira kwitaba inama yo kurabira hamwe igituma baguma bagandagurwa

Mu butumwa aheruka kurungikira ubuserukizi bw’ibihugu vya Afrika buri mu gihugu c’Uburusiya, umuserukizi w’Uburundi muri ico gihugu Edouard Bizimana abahamagarira kwunga urunani maze biyamirize ubwicanyi bwabaye ndanse muri ico gihugu ku banyeshure b’abanyafrika, ahanini ku Barundi.

Edouard Bizimana yandikiye Paba Sale Mahamat arongoye umugwi w’abo baserukira ibihugu vya Afrika i Moscou kwitaba inama izobahuza kugira barabire hamwe imvo zituma abo banyeshure baguma bagandagurirwa mw’ico gihugu.

Mwomenya ko mu kiringo kingana n’umwaka umwe, hamaze kwicwa abanyeshure batatu b’abarundi muri ico gihugu hamwe n’uwundi umwe yaguye i Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759