homepagekirundi

#Diaspora| NL Black agiye kuba umuhuza wa hip hop y’Uburundi mu Buganda

Kwagura imbibe, NL Black niyo mpanuro atanga ku baririmvyi b’ababarundi.

NL Black karikumwe na Mkombozi

 

Akoresheje irijambo ngo:“Ubuganda ni igihugu cagutse, abantu baho bakunda kuryoherwa, kandi bamwe mu baririmvyi baho nka ba Chameleon n’abandi baciye hano iwacu, ntankeka ko dushobora kuba rurangiranwa natwe.”

Inyuma y’igiteramo umuririmvyi Ntikarahera Lievin azwi kw’izina rya NL Black mu mudiho wa hip hop yari yateguye kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro(08) mu gihugu c’Ubugande, akanagitumiramwo umuririmvyi Mkombozi, Black yahavuye ayagira uruganda rwa indundi Magazine imigambi yiwe.

Gushira hamwe, gutegura ibiteramo, no kurondera ibimenyeshamakuru , nk’umuntu yize akanarukira mu gisagara kampala nico kintu ategura gufasha abaririmvyi bagenziwe b’abarundi bari mu mudiho wa hip hop.

None NL Blacks yoba ari nde?

Black n’umurundi avuka muri zone ya kinama yo mu gisagara ca Bujumbura, akaba ataronse amahirwe menshi yo kuguma hano iwacu kuko amaze kuja mu mashuri yisumbuye yahavuye aja mu mahanga ku bandanirizayo, aho twovuga nko mu Buganda , mu Buhindi n’ahandi, ndetse n’imirimo yiwe anayikorera mu bihugu bitandukanye.
NL akaba yatanguye kuririmba mu mwaka wa 2005 aho yari yiga mu mashure yisumbuye mu gihugu c’u Buganda.
Black akaba yatanguriye ku ndirimbo yise “nakupenda,”munyuma aja hamwe n’iyindi miyabaga iririmba umuriho wa hip hop iva mu bihugu bitandukanye baba mu gisagara Kampala bashinga umurwi bise Black Members aba ari nawe bashinga kuwurongora.

Akaba yagiye kumenyekana neza mu mwaka wa 2012 muri Ethiopia na Sudani ya ruguru, agendana n’umuririmvyi Maurice Kirya yatahukanye agashimwe ka Rfi muruwo mwaka nyene.
Muri kino gihe akaba ari mu bikorwa azo tumenyesha vuba bakaba bariko barabikorana n’abarimvyi nka Pretty B mu gihugu c’u Bugande, Sylver X muri Soudan yepfyo, Mkombozi wa hano iwacu n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 740