BDUSAAlbinosDiasporaDiaspora Organizationshomepagekirundi

#Diaspora| Perezida wa BDUSA umushingantahe Samuel Ndayiragije arahumuriza abanywanyi ko ata ngorane ziri muri iryo shirahamwe

 

Mu kiganiro caraye kiremeshejwe n’ugwego nyobozi rwa BDUSA k’urwego rw’Igihugu, Umukuru w’ishirahamwe Samuel Ndayiragije yaragerageje kwishura no gutanga umuco ku bibazo vyinshi vyabajijwe n’abarundi bari muri Amerika.

Mu bibazo vyabajijwe, harimwo ibijanye n’ico bise ibombora-bombora rivugwa mw’ishirahamwe hamwe n’ingene ubuzima bw’ishirahamwe bwifashe n’ibindi.

Ku bibazo bijanye n’ibombora-bombora rivugwa muri BDUSA, Samuel Ndayiragije yarishuye no ku ngorane zabaye mu burungozi kandi ko zatumye abarongozi 12 bakurigwa rimwe mu mabanga bari bajejwe, harimwo ndetse n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe, umunyamabanga ntayegayezwa hamwe n’umuhanuzi ku rwego rw’igihugu.

Abo bose bakaba bakuwe hisunzwe amategeko n’akarangamutima vya BDUSA.

Uwurongoye ishirahamwe, Samuel Ndayiragije, yarongeye aravuga ko kudahana no guhonyanga amategeko arivyo vyamye bituma amashirahamwe menshi adatera imbere ayandi ntashike ku ntumbero yihaye ndetse n’ayandi akugara burundu.

Nico gituma aremesha abanywanyi bose, ababarira ko ata ngorane zihari kuko inzego zose zimaze gusubirizwa, ibikorwa navyo bikaba biriko birabandanya bimwe bishimishije.

Umukuru w’ishirahamwe BDUSA, Samuel Ndayiragije arangiza asaba abanywanyi n’abakunzi ba BDUSA kumera magabo, ngo bamirire kure abo bose bafise agatima ko gusambura na rirya hamaze imisi hakwiragizwa ama audio atyoza bamwe mu ndongozi za BDUSA, agirako abaremesha ko ku bijanye n’ayo ma audio, vyose babizi kandi ko abayakwiragiza ata kindi bagamije atari ugushaka gusambura no kujuragiza abanywanyi.

Umukuru w’ishirahamwe, Samuel Ndayiragije, yaragije ikiganiro asubira gushimira indongozi zo mu nzego zose, hamwe n’abanywanyi n’incuti za BDUSA bitavye ico kiganiro, yongera abemerera ko agiye gukora uko ashoboye kugira ibiganiro nk’ivyo bizokwame biremeshwa kw’iradiyo Indundi kugira ben’ishirahamwe biyumve, bahabwe ijambo, bayage, bumve ko bari kumwe n’ubwo bari kure na kure, kanatsinda iyo niyo ntumbero nyamukuru ya BDUSA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761