DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#diaspora| Sud Soudan|”Uburundi hafi yawe” iki civugo kirikwije kugira bagire ico bimariye n’ico bamarira bene wabo

Nkuko biri, mu bihugu bigize impande zine z’isi harakwiragiye abarundi batari bake, dufatiye ku cegeranyo casohowe n’indongozi za Diaspora y’Uburundi, cerekana ko ku mugabane wa America , uw’Ubulayi, Ausralia, na Asia, habarizwa abari hagati y’ibihumbi mirongo umunani, n’ibihumbi ijana(80.000,100.000), Africa nayo ikiharizwa n’abarenga igice c’umuliyoni (1/2M), uwu musi tukaza kuyaga ku bari muri Sudani yepfo

Abarundi baba muri Sudani yepfo

Biragoye kumenya neza abarundi baba muri Sudani yepfo bivanye n’uko ishirahamwe ryabo rikiri rishasha ndetse n’uko ubuserukizi bw’igihugu cacu butagira icicaro muri ico gihugu.
Nubwo biruko abarundi baba muri Sudani y’amajepfo bashize hamwe kandi basangira akabisi n’agihiye.

Nkuko tubishikirizwa na Ndayishimiye Melchiade umwe mu barundi bashitse muri ico gihugu mu mwaka wa 2012 ,ngo ishirahamwe ryabo ryari rigoye kuboneka kuko muri ico gihe yashikayo vyari bigoye kubona abarundi bashika 50 bari hamwe.
Ariko uko bagiye bararwira ibibazo bikaba vyinsshi vyahavuye vyoroha kugira baje hamwe banasangire ivyiza n’ibibibazo.

Melchiade akagira ati:” Tumaze kubona ko dutanguye kugira ibibazo ndetse hakazamwo n’ivyipfu, twahavuye dutumatumanako turashinga kominote yambere ari nayo yahavuye ivamwo amatora y’ishirahamwe nyezina riserukira abarundi baba muri kino gihugu.
Ibibazo ntivyoroshe ubwambere kuko batari bazi amategeko agenga Diaspora ndetse n’uburengenzira bw’abayobozi baryo bukaba butagaragara neza aho bugarukira, imyaka ibiri ikaba yaheze iryo shirahamwe ata kintu kizima bashitseko.

Ivyo bikaba vy’unyuwe n’amagume yashikiye igihugu cacu mu mwaka wa 2015 hamaze kuza abarundi  bahunze umutekano muke warangwa mu gihugu, kuko abobasangwa barabwa ribi n’izompunzi zikababona nk’ abansi babo, ukwinubana bituma batava hasi.

Umwanya ngo ni umucamanza uko imisi yagenda ndetse n’ibibazo bibahuza bikaba bimwe, ukuja hamwe kwararushirije aho bompi basigaye babana nk’abavukanyi, eka n’ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Ethiopia bukaba bumaze kubegera bakaba bariko bakorana neza.

Ugutahura ko ikintu kimwe kandi c’agaciro bafise kandi bahuriyeko ari “Uburundi”, gukorana neza n’indongozi za Diaspora y’Uburundi, hamwe n’uwuserukira igihugu cacu muri Ethiopia, nivyo vyatumye iryo shirahamwe ry’ivyukiranya, ndetse bakaba bariko bitegurira inama ya bose izoba kw’igenekerezo rya 06 NYakanga umwaka wa 2020 igihe c’isaha umunani z’umuhingamo ku masaha y’ico gihugu.


“Mwomenya ko ibabazo vyo kutamenya amategeko agenga Diaspora y’Uburundi , kudashira imbere imigambi n’imigabo ya diaspora,kutabona kumwe uruhara rw’indogozi za Diaspora mu gushira hamwe abarundi baba mu makungu, ukwinubana hagati yabo, ukutabona kumwe ko inguvu zabo zigiye hamwe vyo fasha mw’iterambere ry’igihugu ivyo bikibonekeza muri bamwe mu banywanyi bashira inyungu zabo imbere gusumba izishirahamwe, arivyo biriko biranurwanurwa ko arivyo bituma amashiramwe adashika kwihangiro.”

None aho muhereye ho vyoba vyifashe gute? Interano yanyu muri komenteri ni ngirakamaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 472