homepagekirundikirundi_Sportspromoted

#Diaspora| Warren Chebby yasubiye kuzanira ibikoresho Gitega Academy

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha zine zo mu gatondo ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega niho umurundi asanzwe aba mu gihugu c’Ubwongereza , umushingantahe Warren Chebby yashikiriza Imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye vyo gukinisha umupira w’amaguru umugwi w’urwaruka asanzwe arongoye ariwo Gitega Academy, akaba yatanze imfashanyo y’imyambaro yo gukina umupira, ibirato hamwe n’amasogisi.

Rikaba atari irya mbere uyo murundi Warren Chebby atanga izo mfashanyo kuko no mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka turimwo naho nyene yari yazanye imfashanyo zitari nke kuri urwo rwaruka rwa Gitega Academy harimwo n’ibikoresha vy’ishure.

Mukamenya y’uko inyuma yo gutanga izo mfashanyo umugwi Gitega Academy waciye ukina inkino zibiri za kivandimwe aho urikino rwa mbere rwahuza umugwi w’abanyeshure Gitega Academy U15 n’umugwi Gitega International Academy, urwo rukino rukaba rwarangiye Gitega Academy itsinze Gitega International Academy ibitsindo 3-0.

Urundi rukino rukaba rwahuje Gitega Academy y’abatarenza imyaka 17 hamwe na Gitega Academy International urwo narwo rukaba rwarangiye Gitega Academy itsinze Gitega International Ibitsindo 2-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871