BurundiDiasporadiaspora promotedfeatured diasporakirundi

#diaspora|2021| Imyiteguro y’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga yaramaze gutangura

 

Ab’ amazu y’uburaro, uburiro,ubunwero, n’ubuvyiniro mu gisagara ca Bujumbura ngo boba barayagura, yemwe! bakayasiga agakayangana kuko muri Mukakaro bazogenderwa bikwiye n’ingenzi zivuye ku mpande zine z’isi.

Uko umwaka utashe hano mu gihugu cacu harahimbazwa indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga, mu gisagara ca Bujumbura hagahurira abarundi bava mu mihingo yose y’isi, umwaka wa 2021 ukaba uriko uritegurirwa bikwiye.

Ivyo birori vyama biba mu kwezi kw’idwi uko umwaka utashe bikaba bitakunze ko uno mwaka wa 2020 bikorwa hano mu gihugu cacu, ku mvo z’ikiza koronaviris cari kimaze igihe cugaye imbibe nka zose z’ibihugu bigize isi, ndetse n’amatora igihugu cacu carimwo akaba atorosha ico gikorwa.

Wa murundi ngo burakeye ntibuteba ku Noheli, mu mwaka uza ngo hazoca uwambaye kuko abarundi bari muri Diaspora batanguye kuyitegurira kare cane.
Indongozi za Diaspora zigasaba abarundi baba mu mahanga gutangura kwitegurira ico gikorwa, ndeste no gusigurira abandi akamaro kaco.
Iyo nama ikaba ariyo yigigwamwo imigambi n’imigabo ya Diaspora, ka kaba ari akaryo keza ko kwishikira mu gihugu mu ntumbero yo kurabira hamwe ibigoye igihugu, kugira baterere mu kuduza ikivi.

Intambo, imvyino n’amahiganwa y’ubwiza ni bimwe mu bizoryosha ivyo birori, iyo nama ikazoza ikurikiranye n’Inama Rukokoma izoba mu ntango z’ukwezi w’indwi, ku mu mugabane wa America, ikazohoza barundi bose baba ku mpande zine z’isi,abaserukiye Leta y’Uburundi, kumwe n’abarwizatungu batandukanye bafise canke bashaka kuzana imitahe hano mu gihugu cacu.

Mwomenya ko abo barundi iyo baje hano mu gihugu cacu  bataza bo nyene,ahubwo bazanana n’incuti n’abagenzi baronkeye muri ivyo bihugu vy’amahanga igisagra ca Bujumbura ndetse n’ibigo vy’ama ratiro bikabona akunguko kadasanzwe.

Mwomenya kandi ko iyo nama nyene ari nayo ishiraho indongozi za Diaspora y’Uburundi, iyaheruka ikaba yari yasizeho Umushingantahe  Japhet Legentil  Ndayishimiye mu mwaka 2017.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512