BDUSAAlbinosBurundiDiasporakirundi

#Diaspora|African Union Soccer Club abagabo n’abagore bakinira hamwe

Kwunga ubumwe, gufashanya mu buzima bwa misi yose niyo ntumbero ya African Union Soccer Club.

African Union soccer ikaba ari ishirahamwe ry’abarundi baba i Dallas(Burundian diaspora of Dallas), bari kumwe n ‘incuti zabo nk’aba Nyarwanda kumwe n’aba Zairwa.

Ntavangura na rimwe yaba irya madini, amoko, ndetse n’ibitsina ribarizwa iwabo mu ntumbero yo gufashanya mu bice vyose bigize ubuzima bwa misi yose.

Muri African Union Soccer abanyeshure n ’abakenyezi nabo ntuibakumirwa.
Kwubaka umuryango (community) uri hamwe mu kwiteza imbere, gutezimbere igihugu cabahaye indaro, ndetse n ‘icabibarutse ariryo shaka ryabo.

Mu kirundi bati:” Ubunyegeri buhurira kw ‘i gufa”.Urukino rw’ umupira w ’amaguru akaba ariwo muhuza kuko bahura buri wa kabiri n’uwagatandatu bahurira gukina umupira.

African Union Soccer Club ikaba igiye gutana mu mitwe na GLM Soccer ekipe ivuye muri diaspora ya Arizona kw ‘igenekerezo rya 17 Gitugutu2020.
Muri African Union Soccer Club bamenyesha Indundi Magazine ko babiteguriye bikwiye kandi bazobakira nk ‘abavukanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514