DiasporaEntertainmentGospelJustice

#diaspora|Aline Vyuka ngo ntiyakoze ubugeni gusa kabaye n’akaryo ko guhindura izina

N’ubwo isi iri mu bihe bigambaraye, ibihe vy’ikiza c’inrwara ya Corona(covid19) ngo ntakinanira Imana, Aline yarabonye ukuboko kw’uwuhoraho mu bugeni bwiwe.

 

Hari kw’igenekerezo rya 04 Mukakaro(07) umwaka wa 2020 mu gisagara Kansas muri America aho umwigeme aririmba indirimbo zo gutazira no guhayagiza Imana azwi kw’izina rya Aline Vyuka yubaka urwiwe ku mugaragaro kumwe n’umushingantahe azwi kw’izina rya Ozias Ntakirutimana.
Aline abanje gukengurukira Umuremyi w’isi nijuru yamutije ako karyo, arashimira cane umuntu wese yashoboye gushika ku mushigikira muri kino gihe kitoroshe ndetse nabo vyananiye agatima kabishaka ntabibagira.
Aline akamenyesha abakunzi biwe ndetse n’abakunzi b’akazi kiwe ko kuriwe kabaye akaryo ko kuronka irindi zina ubu akaba yitwa Aline Vyuka Osias.
Vyuka akaba uri umurundikazi avuka mu Ntara ya Rumonge, ubu akaba abarizwa ku mugabane wa America.
Indundi Magazine ikaba imwifurije kuroranirwa mu rugo rwiwe ndetse ni mu kazi kiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 365