BDUSADiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedhomepagekirundi

#Diaspora|Amatora adakumira niyo ariko arategurwa muri BDUSA

Inyuma y’imvurururu n’ukutumvikana vyaranzwe mu banyanyi ba BDUSA zikaza kurangira zinashitse no mu nzego z’Ubutungane, Ishirahamwe ririko ririyambika umutamana.


Ngo abarundi bamye barangwa n’ikiyago n’ukwumvikana, ndetse no muri BDUSA uwo muco ngo urahari, kandi ubashikanye ku ntambwe nziza, ata nduru ziriwe zirasekera, abarongoye abandi mu bihugu ishirahamwe BDUSA ikoreramwo ku mugabane wa America barashizeho umurwi utegura amatora ya bose kandi hisunzwe amategeko.

Nkuko tubishikirizwa n’indongozi ziryo shirahamwe umwumvikano ngo niwo ushirwa imbere ndetse izo ndongozi zikaba ziriko zirasigurira impande zose ko zokwijukira ayo matora, kandi bakazana imigambi itezimbere ishirahamwe.

Nayo kugira umuntu yitoze ico asabwa cambere akaba ari kuba umunywanyi akwije ibisabwa n’amategeko, ayo matora akazobashikana ku ndongozi zigizwe n’uwurongoye ishirahamwe kumwe n’icegera ciwe(President, vice President), umunyamabanga n’icegera ciwe, n’umushinguzi n’icegera ciwe.

Mwokwibuka ko gushika ubu iryo shirahamwe ryari rirongowe n’umushingantahe Samuel Ndayiragije, yigeze kwagirizwa n’uruhande rumwe rwo muri bamwe mu ndongozi bakorana isesagurwa ry’ubutunzi, ikanaba ariyo ntanduruko y’ibombora bombora ryari rihitiye. Yaba Samuel ndetse nabo batavuga rumwe bagahamagarirwa kwiyandikisha mu matora kugira abanywanyi ni basubira kubizera babizere.

Mwomenya kandi ko BDUSA ari rimwe mu mashirahamwe y’abarundi baba mu mahanga rifise abanywanyi benshi kuko ribarizwa mu ma Reta agera ku 40 yo muri Reta zunzubumwe za America, ndetse rikaba ryaranizewe ngo ritunganye Inama mpuzamakungu y’ama Diaspora yose y’abarundi mu mwaka wa 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761