BDUSADiasporafeatured diasporakirundi

#Diaspora|BDUSA| Jules yamirirakure abitwa ngo bariko bategura amatoro

 

Mu makuru aheruka twarabamenyesheje ko abarundi baba muri America bahurikiye mw’ishirahamwe BDUSA bariko baritegurira amatora ashiraho indongozi zizewe n’impande zose.

Jules Ndikumana umwe mu ndongozi z’iryo shirahamwe ari mu batanguje urugamba rwo kwiyamiraza Samuel Ndayiragije bari basangiye uburongozi, akaba yasohoye itangazo ryiyamiriza ayo matora, agirako yibutsa ko ariwe arongoye BDUSA vy’imfatakibanza.

Ishirahamwe BDUSA rikaba ari rimwe mu mashirahamwe y’abarundi bari mu mahanga rifise abanwanyi benshi, ariko baburabujwe cane n’indongozi zabo zitabona kumwe ivyo ziyemeje.

Mwomenya ko haba uruhande rwa Samuel Ndayiragije, canke urwa Jules Ndikumana bompi atanumwe komite yanshinzwe ngo itunganye amatora yemeza ko ariwe abazwa BDUSA.
Iyo komite nyene ikamenyesha ko abanywanyi ba BDUSA bashinze uwitwa Munyundo Pascal ngo abe ararongoye iryoshirahamwe vy’imfatakibanza gushika bashike ku ndongozi zishasha.

Mwokwibuka kandi ko Jules Ndikuma na Samuel Ndayiragije bafashe inzira y’Ubutungane ivyo uburongozi bwa Diaspora y’Uburundi kw’isi yose bunebagura cane.

Indundi Magazine ikaba iriko irarondera izo ndongozi zose kugira zitange umuco kugira abanywanyi boye kujuragirika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 473