BDUSAAlbinosDiasporadiaspora promotedkirundiPolitique

#diaspora|BDUSA| Laetitia Mizero Hellerud umwe mu barundikazi y’itoreza inama nkenguzamateka muri America

Nti bimenyerewe ariko bishobokera abavyizeye, Laetitia Mizero amenyesha abarundi ko batoza barikengera, ahubwo bogerageza kuko nawe yatanguye akora bukebuke, ariko ageze aho atagitinya guhiganwa n’Abanyamerika.

Mizero yashitse mu gihugu ca America inyuma y’amagume yashikiye igihugu cacu mu mwaka w’1993, ashika nk’impuzi kuri uwo mugabana aba ariho ageragereza ubuzima.
Laetitia amenyesha ko ubuzima bw’ibibazo yaciyemwo atabufashe k’ingorane ahubwo bwamuviriyemwo akazi kuko yaciye atangura kwitaho gufasha abari mu bibazo, aba umuhanuzi yitahoho ibibazo vy’abantu, kubahuza no kubafasha ku bisohokamwo(consultante).

Ku mugabane w’America Mizero Hellerud akaba yashikiye muri Leta ya North Dakota aho yaranguriye imirimo itari mike haba mu buzi mbere n’ivyirwa. Mizero akaba yarabereye umugisha udasanzwe abarundi ndetse n’aba nyafrica benshi kuko yahavuye akora mu gisata kijejwe kwakira impunzi aho i Dakota afasha abarundi benshi baje munyuma ziwe batari borohewe.

Mu kiganiro umuco c’ishirahamwe ry’abarundi baba ku mugabane wa America BDUSA gica kuri Radio indundi, Laetitia amenyesa ko agishika i Dakota atorohewe na gato kuko atabona n’umwe mubo bavuga rumwe, atagira uwumwereka umwongo uhuma n’uwudahuma, arikwo gutahura ko uwutagira “Inasenge y’isengana” afadikanya ubuzima bw’amashure y’isumbuye n’akazi atamenyereye aho ku mya 30 yahavuye aja aho bateraniriza imiryango n’amadirisha yakamwo akazi ubuzima burabandanaya.

Mizero agatera intege abarundi ko mu kibazo umwe wese arimwo atokwihebura kuko vyose bishoboka,ngo nawe ntiyorohewe ariko inguvu z’ico umuntu ashaka gushikako ziba zisumba izimutera kunanirwa, haba hasigaye gutsinda ubwoba gusa.

Laetitia Mizero Hellerud muri kino gihe  ariko yitoreza kuba umukenguzamateka aserukira intara ya North Dakota ari mu mugambwe w’aba Democrate.

Umwirabure wa mbere akanaba n’umurundikazi, agiye kwitoreza inamama nkenguzamateka ya Dakota, kuva iyo ntara yiswe imwe mu ma Leta agize Amerika hari kwigenekerezo  rya 2 Munyonyo( November) mu 1889.

None Laetitia yoba atabwoba afise narirya umugambwe wiwe utamahirwe menshi ufise muriyo Leta yiharijwe cane n’aba Republiquain?

Mu bikorwa vyiwe vya misi yose vyo guhuza abantu ndetse no mu gutorera inyishu ibibazo afise amenyesha ko bifasha bompi, amahirwe akayabona ku mpande zompi kandi afise icizere kinini ko Imana azobana nawe ibintu bizogenda neza.

Mu kurangiza uwo mu Rundikazi wo mu yamuka mu Ntara  Gitega asaba intererano y’igisabisho kuko azi ko arico gifise inkomezi kandi uwushigikiwe n’Imana aguma agashikana, agatera akamo urwaruka ruba mu mahanga kuza ruraja mu ma Club yo ku mashure rwigamwo mu ntumbero yo kutikumira no kwiteza imbere batari inyakamwe.

Indundi Magazine ikaba imwifurije kuroranirwa ndetse no kubona inyobozo y’Uwuhoraho ariyo imushikana ku ntsinzi y’umugisha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 475