BDUSADiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

#Diaspora|BDUSA ngo ntishobora gusambuka haba n’intete

Abanje ku bita amazina nka , {Barajingitwa, Shiranzigo, Bankagakura, Nikobamye, Rwanko, Mpemukendamuke, Nsumirinda, Ntirumveko, Ntamarerero, Nzobibarandabibonye, Satuntutwanje, n’ayandi}, Samuel Ndayiragije yamenyesheje ko abashaka gusambura BDUSA 90% atari abanywani b’iryo shirahamwe kandi ikibaraje ishinga ari ugusambura no gucafuza indongozi.


Samuel akaba yabandanije avuga muraya majambo agira ati: “Ibikorwa nivyo bitugira abantu, si amajambo.” Akanabandanya asabira umugisha buri muntu wese arara ntibuca kugira ashigikire ico gikorwa co guteza imbere ishirahamwe BDUSA, canke co guteza imbere benewabo b’abarundi.

Ndayiragije akaba muri iryo tangazo yashize ahabona inyuma y’agacerere kenshi kamuranga yashimiye cane indongozi za Diaspora ndetse n’abandi bantu bafise umutima wo gushira hamwe abatumvikana kugira batorere umuti urama ibibazo birangwa muri iryo shirahamwe.

Ngo “abansi b’majambere y’abarundi ni abarundi ubwabo, nayo abansi b’igihugu c’Uburundi bari mu barundi ubwabo”, iryo akaba ariryo jambo Samel yakoresheje mu kwerekana ko abasambura BDUSA bavuga ikirundi ciza co guteranya no gucanishamwo kandi ko boshaka boterera hasi kuko BDUSA itariko irasambuka.

Uwo yahoze arongoye iryo shirahamwe ndetse akaba nawe muzi waryo mw’ishingwa akaba ashikirije ivyo mu gihe uwo basa ko bahanganye cane kandi batavuga rumwe Ndikumana Jules aherutse gushira ahabona itangazo ryerekana ko Ndayiragije yasahuye ishirahamwe araritembagaza rero ko ariko aragerageza ivyo yise uruyeri rw’amatora kugira ntiyagirizwe ubwo bunyonyezi ngo intahe ntimukubite mu gahanga kandi ko Jules ubwiwe ari nawe ariramutswa vy’agateganyo.

Mwomenya ko ivyo biri uko aho, nayo ku rundi ruhande hari itunganywa ry’amatora y’indongozi ry’iryo shirahamwe bavuga ko adakumira, akaba ategurwa na BDUSA iramutswa umushingantahe aba ku mu gabane wa America azwi kw’izina rya Munyundo Pascal yashizweho vy’imfata kibanza n’abanywanyi kugira atunganye ayo matora, nayo Jules akavuga ko yashizweho n’amategeko ya Arizona kugira asubize ibintu mu buryo.

Mwokwibuka kandi ko kw’igenekerezo rya 11 kigarama 2020 uburongozi bwa Diaspora yo kw’isi yose bwabaye burahagarika ishirahamwe BDUSA vy’agateganyo mu kiringo c’amezi atatu kugira ryitunganye ku bibazo biryugarije ndetse banashiraho n’umurwi uhurikiyemwo bose kugira ubafashe gutorera umuti ibibazo bibahanze.
Tukaba turiko turabaronderera izo mpande zompi kugira tuganire kuri kazoza k’iryo shirahamwe mu kiganiro na Indundi TV

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762