BDUSAAlbinosDiasporadiaspora promotedfeatured diasporahomepagekirundi

BDUSA : Uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza.

Uburyo bw’amafaranga akenshi nibwo bwama buba icitwazo gikomeye kugira amashirahamwe asambuke, no muri BDUSA iyo karata akaba ariyo nyendamuvano ya ndyogo kw’igeragezwa ry’ibogozwa ry’indongozi yaryo.

 

Mu gice ca kabiri c’ikiganiro kivuga uko ishirahamwe BDUSA ryifashe tugiye kuyaga uko ikigega gihagaze muri rusangi.
Nkuko vyashikirijwe n’uwabazwa ikigega c’ishirahamwe Simeon Nkunzumwami, ikigega c’ishirahamwe gihagaze neza.
Ivyo akaba yabishikirije mu ntumbero yo kubeshuza ibirego vyarezwe Samuel Ndayiragije, ko yoba yaritije amafaranga canke yarahombeje ayashika ibihumbi umunani vy’amadorari y’abanyamerica(8000$), Nkunzumwami yishura avugako ko ari ikinyoma cambaye ubusa.

Semeon akamenyesha ko Samuel atamafaranga amuca mu minwe, kandi ikigega cifashe neza, kanatsinda buri kwezi canke amezi atatu barasohora icegeranyo kikanahabwa abajejwe intara zose uko ari mirongo itatu nimwe BDUSA imaze gushikamwo.

Nkunzumwami akanasaba abariko batyoza indongozi z’iryo nshirahamwe ku nyungu zabo ko ingarukambi bazozibona mu myaka irimbere.
Akanamenyesha abanywanyi ko nubwo izina ryiwe ryakoreshejwe ku rupapuro rukura Samuel we atarikumwe nabo ko kandi ubutunzi bw’ishirahamwe bucungerewe neza.

Mu kiganiro co hanyuma tukazobashikiriza inyishu zahawe abanywanyi ku bibazo bitandukanye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760