BurundiDiasporaEntertainmentkirundi

#diaspora|Bella Hot Hot agiye gusubira kwumvikana Inyuma y’agacerere


Inyuma yo Kuboneka mu biteramo bitandukanye mu bihugu nka Denmark na Sweden,yaciye yinjira mugacere kadasanzwe k’ igihe kitari gito ameze nkuwugaranye adasohoka(Lock down), biturutse ku kibazo cugarije isi ca Kovid19, Bella Hot Hot  agiye gusubira kuboneka kurubuga.

Bella Hot Hot umwe mubaririmvyikazi  bari muri diaspora, arangurira ibikorwa vyiwe mugihugu ca Sweden, arabandanya yerekana ibikorwa naho avuga ko bitoroshe kuko yipfuza gusohora igikorwa kirikumwe n’amasanamu nkuko yari yamaze kubitangura.

Kuri uwu wa 22 Ruhenshi 2020 niho umuririvyikazi  Hot Hot yashira ahabona isanamu (Photo Cover) yerekana ko vuba cane abantu botangura kwitegurira indirimbo nshasha igiye gusubirira Mutima yaheruka gusohora, iyo nayo ikaba ije mw’izina rya “GINGER ME”, akemeza ko umwanya n’umwanya ishobora kuja ahabona.

Aha tworangiza tubibutsa ko mu Burundi dufise abaririmvyi benshi  bari hanze y’igihugu ariko muribo hakaba harimwo ababigeme bake, nabo bake bafise izo mpano bakaba batigera babikora nkakazi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 593