BurundiDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#diaspora|Gushira imitahe m’ umugambi w’uburimyi n’ubworozi bizotuma igihugu na beneco batera imbere

Abarundi baba mu makungu bagiye gushira inguvu hamwe mu gutezimbere igihugu biciye mu burimyi n’ubworozi.

Bafatiye ku civugo bihaye ubwabo kigira giti:” Barundi tuba mu mahanga nidushire imitahe yacu  mu burimyi n’ubworozi, duteze inzara mu gihugu c’amavukiro, umurundi akire isuka ya buri musi, tugure ama machine arima ya kijambere twongere twiyubakire amahinguiro, dutange akazi, Uburundi bwogorore.”

Abarundi baba mu mhanga bahavuye bashiraho umurwi wo kwiga integuro y’ishirwa mu ngiro yiyo migamibi, uwo murwi ukaba ugizwe n’abarundi ba 5 basanzwe baba mu makungu aribo :Ndayiragije Samuel umukuru w’umurwi aba ku mugabane wa America, Habiyakire Bertland icegera ciwe aba muri Austarie, Ntakirutimana Leonard umunyamabanga w’umurwi aba muri China, Hatungimana Fides Manzi muri Italie, na Mbonankira Chales ari hano mu gihugu cacu.

Urahara nyamukuru rw’abarundi baba hanze mu guteza imbere uburimyi akaba ari ukuzana amafaranga yo kugura ama machine kugira bagabanirize umutwaro n’umuroho umunyagihugu, agasigarana akazi ko gukoresha inguvu mu gihe c’iyimbura gusa. Murico gisata c’uburimyi nyene akunguko kakaba ako gukoresha umwanya muto, kurima hanini maze umwibu ukaba mwishi.

ku mvo z’uko ico gikorwa gisaba uburyo , umutahe wategekanijwe kuri buri murundi ashaka gukorera mu gisata c’uburimyi ukaba ungana n’amafaranga y’ama dorari y’abanyamerika ibihumbi bitana 5000$.

Uburimyi bukazokorwa mu gihu cose, hakozanwa imbuto zirobanuye zijanye n’igihe bakamenyesha ko buzoba ari uburimyi bwa kijambere kanatsinda.

Umunto ashabora  kwibaza impamvu bashize hamwe uburimyi n’ubworozi , abo bahinga bamenyesha ko imirima ijana n’intabire, ari nayompamvu, inka n’impene zizokwongerwako mu ntumbero yo kuronka amase, ndetse n’iyimbura riheze navyo bikarisha igiharoharo.

Ngo ntankeka abarundi baba hanze ni bashirahamwe inguvu bazorwanya inzara batuze ubukene, n’abanyamahanga bazane imitahe mu gihugu, igihugu cogororero.

Muti none iyo migambi izotshirwa mu ngiro ryari? Ibikorwa vy’ibanze biramaze gukorwa nubwo ingorane zitabuze,  aho uwuserukira abarundi baba hanze y’ igihugu Japhet Legentil akadoma urutoki ku nryane za Politike zatanguranye n’umwaka wa 2015 zatumye ibikorwa bitari bike bihungabana ndetse n’imigambi ya diaspora ikaba itasigaye inyuma.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobamenyesha aho uwo mugambi ugeze,  ukwo uburyo buriko buratangwa ndetse n’inzira uburyo  bucishwamo, ingene uwifuza gushiramwo umutahe azokwunguka n’ibindi,…..

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513