CooperationDesignDevelopmentDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedEntertainment2kirundi

#diaspora|Imashine za kijambere nizo abarundi baba Australia bagiye gushigikiza umugambi w’amahoro.

Diaspora y’abarundi ba Queensland Australia iza iri ku bikogwa bidasanzwe vyo kwigisha imachine za kijambere abarundi bari muri ico gihugu, bamwe baramaze kubimenya mbere bari ku mirimo. Kubwukwo uwo mugambi bamaze kuwutanguza muri Australia, barategekanya ko mugutsimbataza umugambi w’amahoro n’iterambere rirama ko nico gikogwa bozocagura kigashika mugihugu c’amavukiro.


Ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba muri Australia ririko riritegurira cane umusi mukuru wahariwe umurundi aba mu mahanga, umusi mukuru wama uhimbazwa hano mu gihugu cacu muri Mukakaro.

Indongozi z’iryo shirahamwe ziganira na Indundi Magazine zameyesheje ko uwo musi uzoba ushitse mu gihe kidasanzwe, igihe igihugu cacu kirangwamwo amahoro n’umutekano, ko kazoba ari akaryo keza kuri buri murundi wese ndetse n’icunti z’Uburundi kuza kwirabira ivyiza vyo mugihugu ndetse no kuza gushigikira benewabo mw’iterambere.

Izo ndongozi nyene zaboneyeho akaryo ko kwiyamiriza ndetse no gutera ivyatsi ivyashikirijwe n’umwe mu barundi baba muri ico gihugu Pacifique Ndayisaba,biboneka ko atazi aho igihugu avukamwo kigeze ku mutekano  ndetse n’amahoro muri Rusangi. Bakamenyesha ko bakurikirana cane ibibera mu gihugu cabo, kandi bafise na bamwe mu ndongozi z’iryo shirahamwe bari ku murimo hano mu gihugu c’amavukiro babaha amakuru y’ukwizera ku mahoro n’umutekano.

Ngo vyarabagoye gutahura aho uwo Ndayisaba yakuye ivyo yashikirije, ariko kumvo z’uko bamufata nk’icaduka ngo yoba yashatse gushikiriza ivyifuzo vyiwe bitandukanye n’ ukuri ku gihugu kirimwo abantu batekanye.
Bagahamagarira abarundi kudaha amatwi ba sesankuyoze nkabo, ndetse bakanabakeburira kuguma bafatanye mu nda mu ntubero yo kuduza ikivi co nkingi y’iterambere Rirama.
Bakabamenyesha ko babafise ku mutima kandi bariko barategura imigambi ikomeye ku gihugu cabo, hariho imigambi myinshi y’iterambere bariko bategura kuzana mu gihugu.

Mwomenya ko abo barundi atari iryambere baje gufasha hano mu gihugu cacu, aho bamaze gushigikira imiryango itari mike igizwe n’abanyagihugu batishoboye bo mu bwoko bw’abatwa, bagafasha mu gushikira inkino z’amahoro n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 490