BurundiDiasporakirundi

#Diaspora|Izere Hollande imaze kurangura ibiboneka,kandi vy’akarero ku barundi baba hanze y’igihugu

“Intango yama ari nk’umuzi w’ibuye ariko ugushaka kw’umuntu ndetse n’ihangaro nivyo bimutuma atava kw’izimwe gushika ashikiriye ico yipfuza.”Iryo niryo jambo umurongozi w’ishirahamwe “Izere Hollande” Andre Nkeshimana yakoresheje mu kwerekana ko kugira bashike aho bageze rutari urugamba rworohe.
Abanje gutera intege abarundi benewabo baba muhanga Nkeshimana aremeza ko iyo abarundi bagiye hamwe bagashira umwete, ubwira, ishaka, n’urukundo imbere Imana ihezagira ibikorwa vyabo.

Urukundo nirwo rwatumye ishirahamwe Izere rivuka kugira rigarukane Umwizero, canke Ivyizgiro ku barundi basa n’ababitakaje kubera ibabazo vyatewe n’amagume igihugu cacu cahiteyemwo.

Iyo bari batse indaro mu Buhollande agatima ko gukunda igihugu cabibarutse niko kabakwegera kuja hamwe, bagashira ubwenge, ubushozi ndetse n’utwigoro twabo hamwe kugira barabe ico bofashisha benewabo bari mu buzima butoroshe, ubuzima bw’ibibazo bigoye inyishu.

Imibereho myiza, amagara meza kuri benewabo nivyo vyaraza itiro umurwi w’abarundi wagiye hamwe mu mwaka 1997 ushinga ishirahamwe ryo kugarukana umwizero ku bawutakaje bise “Izere Hollande” mu gihugu c’Ubuhollande.
Umwaka umwe gusa, mu 1998 ibikorwa biboneka vyari bimaze kuja ahabona , aho iryo shirahamwe ryagarukiye ku barundi bari bahungiye mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya, aho baronkejwe impuzu, imiti, ivyo kwifuka ndetse n’ibifungurwa bivuye mu gikorwa co kwitanga no kudodora irya n’ino.

Inyuma y’ico gikorwa camaze imyaka itatu yose harungikwa ama conteniri atari make, hakwirikiye gufasha mu gikorwa co kuvura abarundi baba hano mugihu ndetse no kubashira mu ma koperative yo kwiteza imbere.

Muti none bobo ivyo bikorwa vyaboroheye gute?

Nkuko twari twabivuze mu ntango ico gikorwa ngo nticari coroshe na gato, uhubwo ishaka n ‘umwete bari bafise niryo ryasumvya ubukomezi ibibazo bahura navyo.
Andre agira ati: ” N’abo gukengukira cane, abo nabo si abandi ni abavukagihugu ba Hollande(Néerlandais) bo bashimye kwifatanya natwe ari nabo badufashije cane mu kuvura bene wacu, no mu kubigisha ubuhinga bwo kwubaka ndetse no gukurikirana ama koperative, banagirako barayakurirana gushika ubu bakaba batadutereranye.”

Nkeshimana arongera akagira ati:” Ntitworohewe na gato, ikintu nyamukuru catubereye intambamyi kwari ukumenya ururimi ruvurwa muri kirya gihugu, kuko rutari muzo twize ngaha iwacu, ariko umuti wabaye gufata akanya turarwiga, turanarumenya , ari navyo vyatwugururiye ikiyago n’ikiganiro vyavyaye gukorera hamwe nabo bavukagihugu (Néerlandais).”

Iryo shirahamwe rikaba rimaze kurangura ibitari bike hano mu gihu, aho twovuga nko :
-kunwanisha abarundi bari bacanyemwo hisunzwe amoko, intara n’imigabwe, izere yavyirukanisha inkino yise iz’amahoro zigaherekezwa n’ibiyago.
-Gushinga ama koperative yo kwiteza imbere, aho bamaze kugira ma koperative y’uburimyi n’ubworozi ku rugero rudasanzwe, ndetse n’ubuhinga budashizwe inyuma kuko bamaze gushikana mu gihugu imachine zibumba amatafari yo kwubaka ndetse n’izikora imikate.
-kwigisha urwaruka gukoresha ubuhinga bwa none (Informatique)

Izere Hollande ikaba imaze gushinaga imizi mu ntara ya Gitega, intara ya Bujumbura, intara ya Ngozi ndetse na Makamaba ikaba ifise n’imigambi mu zindi ntara.

Mu kiganiro cacu co hanyuma tukazobayagira ku bikorwa bimaze kurangurwa n’ayo ma koperative.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512