AnimalsBDUSADiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundiVideo

#diaspora|Mbega ingingo ya Samuel Ndayiragije yoba ariwo muti w’ibibazo muri BDUSA?

Abanje kwerekana iyo ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba ku mugabane wa America BDUSA yarivanye naho yarishikanye , Samuel Ndayiragije yahavuye yifatira ingingo yo gukinjura mu matora.

Ingingo itakiriwe kumwe n’abanywanyi ba BDUSA kuri bamwe ngo ni Intwari, ku bandi ngo ataye ishirahamwe mu manga.
N’ubwo muri iryo kete ry’impapuro nyishi Samuel yashizemwo ko uburongozi bwiwe bwaburabujwe na bamwe mu murwi urimwo Jules Ndikumana, ku ruhande rwa Jules we arakenguruka iyo ngingi yise ko ari iya gishingantahe.

Nubwo Ndikumana yahimbawe niyo ngingo, abajijwe ko agiye guhamvya abandi mu matora ntiyagize ico abivugako, ndetse no kuvyo yagirijwe muri iryo kete akaba atashimye kugira ico abishikirijeko.

Samuel akaba yafashe iyo ngingo mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo vyugarije iryo shirahamwe ndetse no kwugururira imiryango abo batavuga rumwe kugira bagaruke baterere umuganda mu kwubaka iryo shirahamwe avuga ko ataco atokora kugira ntiritembagare na rirya ariwe yaritanguje.

Ku rundi ruhande rw’abakunzi ba Samuel bakemeza ko iyo ngingo izotuma iryo shirahamwe rizingama ku mvo z’uko iyo ndongozi yarara ijoro yiyumvira iterambere ryaryo bigoye kuronka uwoyisubirira.

None koko iyo ngingo igiye gutorera umuti burundu ibibazo vyugarije iryo shirahamwe?

Indundi Magazine ikaba igiye kubaronderera bamwe n’abandi mu berwa n’ico kibazo kugira batuyagire vyinshi

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 763