BDUSAAlbinosBurundiDiasporadiaspora promotedEconomykirundi

#diaspora|Nanette avuga rumwe n’indongozi za Diaspora y’u Burundi

Kuja hamwe, gufashanya, gukundana, gushigikirana, nizo mpanuro zahuriweko n’indongozi za Diaspora y’u Burundi kumwe n’umukenyezi Nanette Ninihazwe.

Mu kiganiro indongozi za Diaspora zakoranye n’indongozi za BDUSA basavye abarundi baba ku mugabane wa America kuja hamwe bakirinda ico cose co bononera ubumwe bwabo, bongera baranekeza BDUSA uko yahagaze rugabo mu ngorane ihitiyemwo.

Budakeye kabiri umukenyezi Nanette nawe abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa facebook yameze nk’uwukebura mu gutera akamo abarundi baba mu mahanga ko bokwikubita agashi bakamenya ko bose ari bamwe, bagafashanya bakirinda ico cose cobacanishamwo.

Ngo ari nka hamwe ubwo bumwe bwokomera muri  izo mfura z’Uburundi, icifuzo nyamukuru ca Diaspora  y’Abarundi co gushira hamwe inguvu kugira zizogaruke guteza imbere  Uburundi n’imiryango yabo coranguka neza hamwe nyene  n’icifuzo c’Umukuru w’igihugu Evaliste Ndayishimiye c’uko uwo murwi ugizwe n’Abarundi batari bake kandi banateye imbere wogaruka gushigikira mw’iterambere ry’Igihugu.

Mwomenya ko hisunzwe ibiharuro vya Banki y’isi (Banque Mondial) vyo mu mwaka wa 2012, Diaspora y’abarundi ingana ibice 6% vy’abarundi baba mu gihugu, kandi ikaba mu bayigize harimwo n’abantu bateye imbere muvyo ubuhinga n’ubumenyi.

Mwokwibuka kandi ko hategekanijwe Inama rukokoma y’ama diaspora yose y’Abarundi izobera ku mugabane wa America mu mwaka  uza  wa 2021, kuva kw’igenekerezo rya 01 gushika ku rya 03 Mukakaro, ikazotunganywa n’ishirahamwe BDUSA.

Mushobora kwumviriza mu majwi umushingantahe Elam Kaduha aserukira amashirahamwe y’abarundi bari muri Diaspora, kumwe n’umupfasoni Nanette Nininahazwe Ottawa muri Canada

What's your reaction?

Related Posts

1 of 520