BDUSAAlbinosBurundiDiasporaEntertainmentfeatured diasporakirundi

#diaspora|Nziza Desire| Iwanyu ngo hazoguma ari iwanyu

Bamwe mu barundi baba inyuma y’igihugu(Diaspora Burundaise) bamenyesha ko ubutumwa buri mu ndirimbo nshasha ya Nziza Desire bwabashitse ku mutima ndetse bakanaboneraho n’akaryo ku gukebura uwo wese agenda avuga nabi igihugu ciwe ngo nuko kirimwo ibibazo, ko yomenya ko “ataworeka kwonka nyina ngo arwaye amabere.”

Ngo ntawobidoha ko mu bwa Nyaburunga ibere ryayaze, abavukana baracanamwo, mbera biranashika naho bakoze ibicamutwe, haranagera naho imitwe itibuka kuri bamwe, ariko Uburundi bwagumye ari umuvyeyi wa bose, ngo ntibisigura ko umuntu avuye mu gihugu c’amavukiro naco gica kikuvamwo.

Ayo ni amwe mu mambo y’inkoramutima ari mu butumwa bwagiye bushikirizwa(coments), inyuma yaho umuririmvyi Nziza Desire ashiriye ahabona indirimbo yise “Iwanyu”

Nziza nawe akaba atarya umunwa mu kuvuga ko naho wozunguruka isi yose, umutima wawe uzoguma ukwibutsa iwanyu, arabandanya akavuga ko ata muntu atarakwiye kuvuga nabi iwabo kuko hazuguma ari iwobo yahavuga nabi yahareka.

Mu kiganiro gito uruganda rwa indundi Magazine mu gisata carwo ca Diaspora, Nziza Desire yamenyesheje ko ubutumwa buri muri iyo ndirimbo ari ubwa abarundi bose muri rusangi yaba ababa mu gihugu canke mu mahanga, ndetse n’abanyafrica bukabaraba , akamenyesha ko uwambaye ikirezi atamenya ko cera, ngo abarundi bari bakwiye gukunda igihugu kuko uretse ko ariho bataye uruzogi, ngo igihugu ni ciza, nibo bo kugiteza imbere.

Desire yaboneyeho ku menyesha Abarundi n’abanyarwanda ko misi ya vuba aza ku bateramisha murivyo bihugu vyompi.

Nayo ku bakunzi b’umuziki wiwe ngo iyindi ndirimbo arayibaha vuba cane, ngo ni babe baranezerwa banatambe “Iwanyu” kuko iri mu mudiho w’ikirundi utambika.

Indirimbo iwanyu ikaba igiye ahabona inyuma y’iyo yise “Murasa” yari imaze imisi ibica bigacika, ndetse yanakoreye n’ibiteramo bitari bike ku mugabane wa Bulayi.

Nziza Desirer akaba abarizwa ku mugabane wa America i Texas mu gisagara ca Dalas, akamenyesha ko umutima wiwe wirirwa mu Burundi ukarara mu mahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 595