BDUSADiasporaDiaspora Organizationskirundi

#diaspora|Samuel Ndayiragije yoba agiye kugaruka kwitoreza kurongora BDUSA?

Biragoye gutahura, ariko nyimba mwagiye mu kurikirana amakuru twagiye tubashikiriza avuga ku muryango w’abarundi baba ku mugabane wa America BDUSA biroroshe cane kubona inzira bariko bagana muri kino gihe.

Ikete indongozi z’intara zibarizwamwo BDUSA zandikiye umushingantahe Samue Ndayiragije

Mu mpera z’umwa wa 2020 mw’,ishirahamwe BDUSA haranzwe n ‘iyi yonjorora mu matora ry’umushingantahe Samuel Ndayiragije, ryakwirikiwe n’akaruhuko yaciye afata yerekeza mu gihugu c’amavuko.

Umwaka mushasha ukaba utanguranye n’isura nshasha aho kw’igenekerezo rya 12 nzero 2021 muri BDUSA twabonye ikete ririko imikono myinshi y’indongozi z’intara zigize BDUSA zisaba uwo mugabo kugarukana candidature yiwe ku neza yiryo shirahamwe.

Imikono y’indongozi zintara zisaba Samel gusaba kugaruka kwitoreza uburongizi bwa BDUSA

Mbere bikaboneka ko bamugererenya n’umwami Salomo, bakanemeza ko banafise amakuru ahagije yuko abaterekwa Samuel batazokwitabira amatora.

Ni mwasoma neza ivyanditswe muri iryo baruwa muraza kubona ko vyoroshe kwemeza ku bice 90% igaruka rya Samuel mu matora.

Bidatevye na kabiri kw’igenekerezo rya 29 Nzero, umurwi wajejwe gutunganya amatora uca usuhora urwandiko aho umenyesha ko amatora agiye gusubira kubandanya ategurwa, mbere bagirako batanga ikindi kiringo c’abiyandikisha kwitoreza uburongozi congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 08Ruhuhuma 2021.

None bigiye kugenda gute muri BDUSA? Mbega Samuel we abivugako iki?, ubwo iryo kete ntiryoba ryandikiye mu kinwabi na ba nsoma mbike ba Ndayiragije?, mbaga urundi ruhande ruterekwa uwo mugabo,rukanamwagiriza intwaro y’igikenye n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’ishirahamwo rwo rubivugako iki?
Ibi bibazo nivyo uruganda rwa Indundi Magazine rugiye kubatohoreza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 474