BurundiCooperationDiasporadiaspora promoteddiaspora youthkirundiyouth

#diaspora|Umugambi IOM/MAECD ugiye gukura urwaruka mu bushomeri ndetse no kurukarihirza ubumenyi bwo kwiteza imbere

Hoba hari icizere ko urwaruka ruba mu bisagara vya Gitega na Bujumbura rugiye kwogorora, bikaba vyashizwe ahabona na Amb.Albert SHINGIRO umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu, mu gihe yari aramutse yugurura icese umugambi w’imyaka ibiri ugiye gukorwa mubufatanye nyabutatu igizwe na Gouvernement y’Uburundi,BAD (Banque africaine de développement), OIM( International Organization for Migration), na Diaspora y’U burundi ikaba itashizwe inyuma.

Uwo mugambi watangujwe kw’igenekerezo rya 03 nyakanga(09) 2020, ukazoshigirwa n’uburyo bugera k’umuriyoni n’ibihumbi amajana ane y’ama dorare y’abanyamerica (1400.000$) azofasha mu gukura urwaruka mu kangaratete k’ubukene, ndetse no kubakarihiriza ubumenyi mu ntumbero yo kwitegurira guhangana n’ibihe bibi barimwo.

Uwo mugambi ukaba uje gushigikira umugambi mukuru w’igihugu wo kwitezimbere(PND), ukaza kandi gushimangikira ijambo rya nyakwubahwa umukuru w’igihugu Evaliste Ndayishimiye, aho avuga ko leta arongoye izokura urwaruka mu gasuzuguro k’ubukene bwokora amakara bugata.

Uwo mugambi nyene ukazoshikira imisore kumwe n’inkumi ku rugero rungana, nayo Leta y’uburundi yari yaserukiwe na Amb.Albert SHINGIRO ikaba yemera ko izofasha urwo rwaruka mu kuruherekeza gushika kw’iterambere rirama.

Ku ruhande rwa Diaspora y’Uburundi ho n’akanyamuneza ku bona igihugu kibizera kugira bafashanye ibikorwa vy’iterambere mu gihugu, bakanabizeza ko biteguye gukora ibishoboka vyose kugira igihugu ca bibarutse gishike ku rundi rugero rw’ubutunzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 519