Burundiculture_side_pubDiasporakirundi

#diaspora|Umunyakaranga Omer arakurira inkoni ku gishitsi abakenyezi bifuza kuvuza ingoma

Uwutaye akaranga aba ataye akabanga,nayo ngo igihugu kitagira umuco kiba gisa nk’icapfuye, Omer Nzoyisaba amenyesha ko ingoma ari umuco w’Uburundi kandi ukwiye kwubahwa.

Kuvuza ingoma ni kimwe mu biranga umuco w’Uburundi, ngo n’igikorwa cari gikwiye kwubahirizwa. Aha arakebura atanga n’umuco w’akaranga k’ingoma aho ashikiriza ko  abakenyezi(abakobwa n’abogere) batamba yamara batavuza ingoma.

None yoba ari iyihe mvo ico gikorwa kibakumira?

Mu kiganiro c’akaranga k’Uburundi gishikirizwa n’umukenyezi Nicole  Irakoze, Omeri umunyakaranga araduha insiguro yikwije kuri uwo mu girwa.

Twishimikije agace karimwo ikizira ku ngoma, Nzoyisaba aratanga imvo zituma abakenyezi batavuza ingoma.

Ibice bishusha nk’ivyumubiri w’umukenyezi nivyo yashimikiyeko cane, reka dufatire ku ma bere y’ingoma umugenzo w’ikirundi ufata kumwe n’ay’umukenyezi, reka twongereko umukondo w’umukenyezi ufatwa kumwe n’uw’ingoma.

Dushbora gukurikirana mu majwi ya Omeri Nzosaba hano musi

Omer Nzosaba akaba ari umunyakaranga abushitse yatanguye uwo mwuga akari muto, akaba ashoboye vyinshi muri wo, aho afadikanya kuvuza ingoma no gutamba imidiho y’ikirundi inyuranye, tutibagiye kuvuza ikembe no kuvuna ihunja yagize nk’umugenzo.

Omer akaba ari umwe mu batanguje umurwi ndangakaranga w’ Abagumyabanga uhageze neza hano mu gihugu, yongera aba umwe mu bubatse bangora baha ubushobozi umurwi Intatana umurwi uhagaze neza hano mu bwa Nyaburunga.

Muri kino gihe akaba iyari mu mahaga yabaye umwe mu batanguje umurwi Intwari uriko urabica bigacika mu karere ka EAC Uburundi buherereyemwo.

Mwokwibuka kandi ko igihe ingoma z’Uburundi zishizwe mu mutungo w’isi n’ishirahamwe Inesco, Omer yari umwe mu batimbo bari batumiwe guserukira igihugu muri ivyo birori vyabereye mu gihugu c’u Bufaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512