BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dieudonné Nahimana naho yahisemwo Sat-B yemeza ko Big Fizzo ageze kure

Mu gihe Big Fizzo abandanya kwidogera ikinyamakuru Jimbere avuga ko bariko baramucafuza mu kumugereranya n’abandi, umwe mu bariko bitoreza kuba umukuru w’igihugu we avuga ko uwo muririmvyi ageze kure mu bijanye n’umuziki.

Mu biganiro ikinyamakuru Jimbere kiriko kiraha abariko bitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, hari ikibazo cagiye kigaruka aho bariko babaza hagati ya Sat-B na Big Fizzo uwo bemera. Mu babajijwe, hari uwavuze ko abakunda bose, uwo ni Léonce Ngendakumana, nayo Dieudonné Nahimana we akaba yasa nkaho ashigikiye Big Fizzo.

Yagize ati : “ N’abantu tumaze gukorana bose, kandi bamwe tuzinanye kuva bakiri bato bagitangura kuririmba. Ikintu nkunda ahanini, n’ishaka n’ukurondera gukora ibintu mu buryo butandukanye n’uko abandi babikora. Umuntu nka Big Fizzo amaze kugaragaza yuko arondera gukora mu bushakashatsi burengeye ubwo abandi bamaze gukora muri kahise. Ariko kandi baratandukanye na Sat-B kuko nawe afise uburyo bwiwe bw’ingene asanzwe aririmba, ariko birerekana neza uravye urugezo Big Fizzo agezeko mu buryo mpuzamakungu, arafise gukunda gukora ibintu mu buryo buhanitse, novuga bushimishije.”

Naho yashimye urugezo agezeko mu bikorwa bijanye n’ukuririmba haba hano iwacu canke mu mahanga, uwo munyepolitique kandi akaba n’umukozi w’Imana yahisemwo Sat-B ngo abe ariwe bakorana mu bikorwa vyo kwiyamamaza, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba igenekerezo rya 20 Rusama muri uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775