BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira    

 

Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda. Hakaba habonetsemwo abarundi mu mice imwe imwe.

Imice imwe imwe imaze kuboneka ni nk’umu Dj w’umwaka (Artist of DJ),  umuririmvyi mushasha w’umwaka (New Artist of the Year), umuhinyanyuzi w’umwaka (Video Director of the Year), isanamu y’umwaka (Video of the Year), n’izindi n’izindi.

Mu mice yose abarundi babonetse mu muce w’aba DJ, aho naho hakaba habonetsemwo aba Dj 2, DJ Bisoso,na Dj Ira. Ariko umwe muribo we akaba yamaze kumenyesha ko we Atari mu gitirigi c’abahiganirwa ico kibanza, uwo nawe s’uyundi ni DJ Bisoso.

Ku rubuga rwa Instagram, akaba yavuze ati : “ Mumvanemwo ntabwo bikunda ko nagaragara muri ico gikorwa.” Bamwe bakaba batanguye kwibaza ko yanse guhiganwa n’umwana yigishije kandi akiri musi y’ukuboko kwiwe Dj Ira.

Mwomenya ko Dj Bisoso na DJ Ira ari aba DJ baza mu ba mbere mu ba Dj bakunzwe mu gisagara ca Kigali, aba bose bakaba bakomoka ku mugwa mukuru wa Politique w’igihugu cacu c’Uburundi, Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775