BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Ira ararahiye ko atazosubira gukora ivyo yakoreye umuhungu bahorana mu rukundo

Abarundi barayamaze ngo igiti kigukora mu gisho rimwe irya kabiri kiba gishaka kurimena, ivyamubayeko ashira ahabona kuri za Instagram n’ahandi umukunzi wiwe ngo ntazongera gusubira kubikora. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Dj Ira mu kiganiro yagiranye na The Choice I Kigali.

Muri ico kiganiro bagarutse ku mukunzi wa DJ Ira baheruka gutandukana, uwo musore akaba muri kino gihe atabarizwa I Kigali, ariko abarizwa I Dubai nkuko amakuru dukesha abegereye uwo muhungu abivuga.

Uwo musore hamwe na Dj Ira bakunze kuboneka ku rubuga rwa Instagram haba kuzabo canke k’uz’abandi bantu baba bariko bavuga ivyabo. Bakaba baboneka vyukuri ko urukundo rubaranga ari urukomeye cane.

Budakeye kabiri umuhungu ngo agiye kurondera ubuzima I mahanga, aho bivugwa ko yaramaze no kuza aja ariko akagaruka I Kigali, ariko ubu ngo yari agiye kurondera ubuzima abayo, ataza aragaruka uko bukeye n’uko bwije.

Uwo mwigeme Ira mu nzira baja ku kibuga c’indege yabonetse ashira ku rubuga rwa Instagram amajambo akomeye aho yamwipfurije urugendo rwiza, anamwipfuriza kurondera aronka, anamubwira ko azomukumbura cane.

Uwavuze ko urukundo rwa kure na kure ari ibibazo ntiyabeshe, Dj Ira nawe yaramaze guhonja kuri uwo mururazi kuko muri ino misi nawe yatandukanye n’umukunzi wiwe ari kure yiwe. Ariko gushika ino saha ntawuramenya neza intandaro y’ugutandukana kwabo.

Ku musi wa mungu ku rubuga rwa Youtube rw’ikiganiro The Choice Live gica ku mboneshakure Isibo TV, haciyeho ikiganiro aho uwo mwigeme yumvikana avuga ku bijanye n’uwo mukunzi wiwe batandukanye.

Yabajijwe nimba azongera gusubira kubikora amusangiza n’abandi hirya no hino ku mbuga hwaniro, Ira ararahira arengwa ko atazongera kuboneka asangiza abantu umukunzi wiwe. S’ico gusa ngo nta n’uwuzosubira kumenya uwo bazoba basohokana.

Dj Ira akaba yashize ahabona umukunzi wiwe muri ico gihe bamaranye mu gihe imbere yahoo vyavugwa ko uwo murundikazi wo mu ntara ya Gitega asigaye ari muri bamwe baryamana basangiye ibitsina, naho we yavyamirira kure.

Hampande y’uko Ira ari mu bigeme b’aba Dj bubashwe I Kigali muri kino gihe, kandi binjiza amafaranga atari make bivanye n’ukumenyekanisha ibintu biciye ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha,  uwo mwigeme ari no mu bakobwa 3 bambere b’abarundikazi basanzwe bakurikirwa n’abantu benshi ku rubuga rwa Instagram, ubu akaba ageze ku barenga 139,000 kuri Instagram. Ishusho yiwe ashize kuri urwo rubuga ikaba ikundwa n’abashika 5000 mu masaha 24 aba akurikira, ibishitswa na bake mu bakobwa b’abarundi bakoresha izo mbuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775