East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Dj Marnaud yagirijwe ko yoba ari mu baryamana basangiye ibitsina ‘Abatinganyi’

Dj Marnaud ubu niwe ari ku minwa y’abatari bake mu gihugu kibanyi c’urwanda, kubera ibiheruka kumwagirizwa aho bavuga ko yoba ari umwe mu baryamana basangiye ibitsina, Abatinganyi.

Inyuma ya Mwiseneza muri Miss Rwanda, ubu uwugezweho i Kigali n’umu DJ akunzwe muri kino gihe yitwa Dj Marnaud, uwo akaba anagize igihe asohora uturirimba twakunzwe n’abatari bake.

Uwo mu Dj akaba yagirizwa kuba umwe mu baryamana n’abo basangiye ibitsina, abo mu kinyarwanda bita abatinganyi. Uwo ariko we akaba abihakana cane gose.

Mu biganiro bitandukanye agize igihe ariko aratanga mu binyamakuru bitandukanye, ico kibazo kikaba kitabura. Ivyo bikaba vyanunyuwe n’ikiganiro yahawe n’umunyarwanda ari mu mahanga ari muri abo baryamana basangiye ibitsina, aho yanihenze akavuga ijambo ryarabishijwe muribo.

Uwo mu Dj akaba amaze igihe gito atanguye gukora uwo mwuga, ariko ngo bikaba biboneka ko amaze gushika kuri vyinshi, ari naco kiri muvyo bamwagirizamwo ko amafaranga afise ashobora kuva ava mu bindi atari ivyo gusa.

Uyu mu DJ ariko ategurirwa igiteramo ku mugabane wa buraya muri uku kwezi kwa 3 , akaba ari no mu bamaze gukorana ibiteramo n’abaririmvyi b’ibihangange nka Wizkid.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556