Entertainmenthomepagekirundi

DJ Paulin asavye ikigongwe ariko anavuga ico bapfuye na Big Fizzo

Akamo DJ Paulin yatewe ko gusaba ikigongwe Kuri ya Majambo yashikiriza ku kunuka kw’abaririmvyi bamwe bamwe, yahavuye akitaba.

Muri Live iheruka kuba, uwo mu DJ wacu yasavye imbabazi ku muntu wese yababajwe n’amajambo yashikirije, ariko ngo nta mugambi yarafise wo kubabaza umuntu.

DJ Paulin yamenyesheje ko we yashaka kuvunira akagohe abaririmvyi kugira abemenyeshe ko umuririmvyi yategerezwa kubaho asa neza nka kurya baba bamubona mu ndirimbo, eka mbere n’ukumota neza bikaba nk’umugenzo.
Muri iyo Live DJ Paulin yavuze ko ata muririmvyi kanaka yatunze urutoke, ahubwo ngo yavugiye muri rusangi.
Muri iyo Live nyene yahavuye atanga umuco kugishobora kuba catumye uwo muririmvyi bagira ico bapfa nawe.
DJ Paulin yavuze ukuba Drama T ngo ashobora kuba ariwe ntandaro y’ukutarabana ryiza kwiwe na Big Fizzo, kuko ngo nta handi hantu na hamwe bahurira canke ngo imiryango yabo ibe ifise ubucuti bwa hafi ngo bitume bagira ico bapfa.
DJ Paulin yasiguye kubona Drama T aronka akaryo ko kuja hanze inyuma yo gutandukana na Bantu Bwoy ngo biri mu bishobora kuba vyaratumye uwo muririmvyi atamuraba ryiza.
Ikindi ngo nuko Drama T ari Kuri Bantu Bwoy atabashije gukorerwa ibikorwa vyinshi cane, noneho ngo kuva avuyeyo, ngo yaciye aronka akaryo ko gukora Indirimbo zatumye ashika kure cane.
Muri iyo Live nyene, DJ Paulin yahavuye avuga ko uko agira abe uwa mbere mu gufasha abo baririmvyi Drama T, Double Jay na Vania Ice gukora ibiteramo hanze ya Africa, ngo Niko yafashije Big Fizzo mu kumukorera igiteramo ciwe ca mbere I Buraya, Kandi ngo akaba
ari nawe yamukoreye Clip Video y’indirimbo Mumporeze yakoreye I Buraya nyene.
Ubu rero akamo baheruka guterwa n’abatari bake barimwo na Pacifique Nininahazwe, umwe akaba yakitabiriye , naho hatabayemwo ugusaba ikigongwe Big Fizzo, ariko Intambwe imwe yo ikaba yatewe.
None ubwo Big Fizzo we azohava atera iyiwe ngo asabe ikigongwe umuryango w’aba Metis watewe akoba n’amajambo yashikirijwe n’uwo muririmvyi aho yari mu giteramo muri Guerra Plazza?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753