BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Dj Paulin ngo azofasha abaririmvyi ariko ntazokwugurura Label yiwe

Abaririmvyi ngo baragoye cane, ivyo n’ibishikirizwa na Dj Paulin ubwiwe mu kiganiro aheruka gutanga.

Uwo mugabo amaze gufasha abaririmvyi batari bake, ngo nta mugambi afise wo kwugurura inzu ikurikirana abaririmvyi, Label, kuko abaririmvyi batoroshe.

Kubwa Paulin ngo abaririmvyi b’ahandi ngo barubaha, bakurikiza ivyo Management iba iriko irabasaba, ariko abahano ngo iyo yasohoye akaririmbo kamwe akumva kariko kavuzwa hirya no hino aca yibaza ngo vyaheze yabaye umuntu akomeye Kandi ariho yaragutangura.

Dj Paulin avuga ko azobandanya afasha abaririmvyi batandukanye, naho ataco ahakura kinini, Kandi n’umutambukanyi wiwe yama yakimubajije ico yunguka, kuko ngo amaze kuhahombera amafaranga Atari make.

Dj Paulin avuga ko umuririmvyi Mb data ngo bashatse kumufasha ngo ashike kure cane, ariko uwo muririmvyi ngo ntiyabishimye yaciye yigumura, Kandi bari bafise umugambi wo kumuzungurukana mu bihugu bitandukanye Kandi bikomeye vyo ku migabane y’uburayi na Amerika.

Mwomenya ko Dj Paulin asanzwe ariwe nyene Cristal ariko Kandi akaba asanzwe anategura ibiteramo bikomakomeye hano iwacu, vyakira abaririmvyi b’abanyamahanga bakomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775