BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dogo A agiye kugaruka mu muziki, kandi umuzo wiwe ngo ntibazogaya

Inyuma y’igihe kitari gito ari mu gacerere, Dogo A ngo ariko arategura indirimbo zizomugarukana mu muziki ubundi busha, kandi abakunzi b’ibikorwa vyiwe ntibazogaya.

Ivyo akaba abishikirije mu butumwa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yanatanze Compte yiwe ya Youtube, aho yavuze ko izindi abandi bahora babona ngo atari iziwe.

Uwo muririmvyi abarizwa mu mahanga muri kino gihe, akaba amaze igihe kitari gito atagakacira mu bijanye n’umuziki wiwe. Ariko hagati aho ngo agiye kuzoshira ahabona indirimbo nshasha ngo itazoba ari nziza cane, ariko izoba ari nziza kuriwe kuko yakozwe mu bihe bitoroshe ahejeje kubura umuvyeyi.

Mwomenya ko umuvyeyi avuga ari Nyakwigendera Petero Nkurunziza yahoze atwara kino gihugu cacu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775