BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Double Jay na Kirikou boba bafashe umukenyuro wa Big Fizzo?

Ibebi n’inzoga ya ndirimbo ya Double Jay Kirikou na Bruce Melodie yahavuye isohoka. Aho n’inyuma yaho iyo ndirimbo ngo ibanje gukurwa ku rubuga rwa YouTube n’abantu batamenyekanye.

Kuri uyu wa mungu, uwo mugwi w’abasore babarizwa muri Biliman Boy, bakaba bari bashize ahabona iyo ndirimbo, ariko mu nyuma iza kubura.

Iyo ndirimbo ikaba yaboneka ko iri muri Privée mu gihe bo bamenyesha ko iyo ndirimbo yakuweko, ivyo abatari bake batigeze bemera ko arivyo.

Bamwe bakaba bari batanguye kuvuga ko ari umukenyuro nk’uwakoreshejwe na Big Fizzo na Ado Josan ku ndirimbo yabo HMM (Hug me More) aho indirimbo yabuze yari yasohotse, ngo bikunde isohotse abantu baje kuyiraba ari benshi gusumba.

Iyo ndirimbo ikaba yasubiye kuboneka kuri uyu wa 1 mu masaha y’agatondo, iboneka ku rubuga rwa YouTube rwa Double Jay. Mu masaha 4 gusa iyo ndirimbo ikaba yarimaze kurabwa n’abarenga 10,000.

Abatari bake rero bakaba batanashimishijwe n’ubutumwa burimwo co kimwe n’imyambaro irimwo, Aho ishobora gushirwa mu gatebo kamwe n’indirimbo HMM vyavuzwe ko idahesha iteka igihugu. Ariko abandi bo bakaba babona ko ata bere ryacitse, kuko ngo ata wambaye ubusa arimwo.

Mukibuka ko iyo ndirimbo yakorewe amasanamu mu gihugu c’Urwanda, mu gihe amajwi yakorewe I Bujumbura, Aho abayikoze bari abahinyanyuzi 2 barimwo Uwari yaje azananye na Bruce Melodie Aho yari yaje mu giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775