BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Double Jay yamenye ibanga, ngo baramaze kuririmbana na Sat-b

Ku kibazo c’uko Double Jay yoba yashatse gukorera ku karirimbo karirimvyemwo Sat-b na Duniano bise Kweti Kweti, ngo sivyo. Igituma Double avuga ko ari kubera we iryo jambo ngo ryavuye mu gifaransa, noneho Ashima kurishira mu rurimi rw’ikirundi.

Mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano, Double avuga ko iryo jambo ngo risigura kuba wanyoye waborewe cane. Ibitandukanye n’ivyaririmbwe mu ndirimbo ya Sat-b na Duniano, yanongeyeko ko we asanzwe ari incuti na mwene indirimbo, kandi akaba atarumva avuga ko yamwivye indirimbo.

Double yabajijwe na Landry Promoter mu kiganiro bakoranye nimba hari igikorwa biteze gukorana na Sat-b kuko amajwi yabo asa, uwo muririmvyi abanza kwanza kuvuga ko mu baririmvyi hano iwacu ata numwe basa, n’ikimenyamenya ngo nuko iyo wumvirije indirimbo ziwe n’iz’abandi ngo uca wibwira iyiwe iyariyo, bivanye n’uburyo zimeze.

Double Jay yahavuye amena ibanga, avuga ko Sat-b bamaze kuririmbana, izo ndirimbo ngo ntizigeze zimenyekana kuko zakozwe kera cane. Ico gihe ngo indirimbo zabo ntizashobora kumenyekana kuko nabo ntibari bazwi.

Abantu ngo bobazwa ivy’izo ndirimbo ngo ni umwe mubo baririmbanye, Chris Biz, DVJ Moses akomoka I gitega, hamwe na Amiri Pro we yabahuza na Sat-b kuko ico gihe ngo bari musi y’uburongozi bw’uwo mugabo.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe Label zirimwo abo baririmvyi 2, Bantu Bwoy ya Big Fizzo na Empire Avenue ya Sat-b zitarabana ryiza. Hakaba hari n’igiteramo giheruka gusibishwa bivuye kuko batahurije kw’izina ry’ico kiganiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775