BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Drama t na Double Jay imikenyuro boba bayonkeye hamwe 

Ba bahungu ba Big Fizzo, Drama T na Double Jay bashimye gukenyura kumwe abafana b’abo.

Mu misi iheze, imbere Yuko hasohoka Indirimbo Itamporize igeze ku Miliyoni 2 n’ibihumbi 400 vy’ama Views Kuri YouTube ya Drama t, habanje kuvugwa urukundo hagati ya Drama T na Mow Kanzie, ivyateje induru bituma iyo ndirimbo irindiranywa ishika, ariko Kandi iranakundwa cane. Na Double Jay yoba ashaka kuwukenyura uko.

Mu gihe hakirindiriwe Indirimbo nshasha ya Double Jay, co kimwe n’iya Belle Nice, kuko nawe amaze Kabiri adasohora, batanguye kuvugwa mu rukundo.

Izo nsaku zikaba zatanguye inyuma yaho abo bose uko Ari babiri, babonekeye bariko bamarana umwanya mwiza, bikaba vyabonetse muma foto co kimwe no mu masanamu, eka mbere no mu majambo Double Jay yashize ku rubuga rwa Instagram.

Bamwe mu baririmvyi bakaba banabishigikiye, kuko abarimwo Miss Erica bavuze ko urukundo rutabona, ngo urarwisangamwo.

Ibi Kandi vy’ivugwa ry’abo mu rukundo bikaba biriko bivugwa mu gihe Belle Nice aheruka gushikiriza ko Ari Single, ata mukunzi agira, ariko Sat-b we akaba akivuga ko we na Belle Nice bakiri abakunzi. Akarorero ni nk’ikiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru wa Simulizi na Sauti muri Tanzania.

Naho bavugwa mu rukundo, Nelly Nat we siko abibona, kuko akazi yahawe n’abarundi ko Kuza arabatohoreza inkuru, yagakoze agasanga ngo ivyo barimwo n’inkinamico gusa, ngo bariko barafashanya.

Naho igipfungu Ari cose, ikimaze kuboneka Kandi kigahurizwako na benshi, nuko bariko barategura amasanamu y’indirimbo, ariko hakabura mweneyo uwariwe, kuko muribo ata wurava kw’izima ngo ayiyemeze.

Ku batabizi, nuko muri Africa y’ubuseruko, Indirimbo zose zaririmbwe n’abaririmvyi barikumwe n’abakunzi babo, zabashije gukundwa cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759