BurundiEntertainmentfashion&stylehomepagekirundimusic

Drama T ngo azozambara biyahure

Drama T ngo yoba aharurwa mu baririmvyi b’abarundi bambara neza gusumba abandi, kuko hampande y’ukuba yandika neza ngo ukwambara neza vyoba arivyo vyatumye amenyekana cane, kuko abantu bari batanguye kwibaza ko coba arico camujanye muri Bantu Bwoy.

Uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona akaririmbo gashasha yise “Madam” akaba yabajijwe ico ukwo kwambara neza bisigura kuriwe, nawe avuga ko yakuze atabironka, ariko kuva aho aronkeye uburyo bwo kuzigura, ngo nta kizomutera kutazambara.

Yagize ati : “Fashion isigura ikintu kinini kuberako irakwerekana mu yindi nzira abandi bantu badashobora kukubona. Iyo uberewe abantu bibaza ko ufise amahera, kandi hariho umuntu akwubahira ico. Fashion nakuze kiri muri jewe mugabo ntashobora kuronka. Nafashe ingingo mu gihe ndonse ubwo buryo bwo kucerekana, kwemeza abantu ko nshoboye kubikora, kubera narashaka kwambara ariko nta mpuzu nari mfise. Mu gihe nshobora kugura impuzu nzozambara hamwe mugira ubwoba.”

Ku bambara neza, hama hariho ikintu cerekana ko uwo muntu yambaye neza. Kuri Drama T ngo ikimwereka ko yambaye neza n’ivyo abantu bamubwira kuko ngo hageze ko asohoka inzu, ibintu ntivyoroha kubera bitamworohera gucagura izo yambara.

Yongerako ngo :“Compliment z’abantu, kuberako jewe kugira mve muhira biramfata umwanya. Biramfata umwanya kubera ko simba mbona ico nshobora kwambara kijanye nanje uwo musi. So kugira mbone ko mberewe, ni hamwe nyene nambara nkumva I Can feel it. Kuberako iyo wambaye neza wewe nyene uravyiyumvamwo.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775