BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Drama T ngo ntiyari gukurikira Double Jay na Kirikou Akili

Ikinjura rya Double Jay na Kirikou muri Bantu Bwoy ngo yabimenye kare naho atabibwiwe.

Uwo muririmvyi w’indirimbo zitari nke nka Your Man, Vovota n’izindi, avuga ko kuko baganira n’abo basore ngo yarumva mu mvugo zabo ukwidoga, akabona ko ibintu bidahagaze neza.

Drama T mu kiyago na Kaboss yavuze ko kuba abo basore barasezeye ngo vyaramubabaje cane kuko bari bamaze kuba nk’umuryango.

Ku kibazo c’impamvu atabakurikiye, Drama T, avuga ko bitari gukunda kuko atigeze abisabwa, Kandi ngo nubwo yari kubisabwa ntivyari gukunda kuko atarazi iyo baroye, kuko nawe ngo Management yaramubwiye ngo yiyumvire ababwire bamenye ico gukora.

Drama T gushika ubu akaba akibarizwa muri Bantu Bwoy, Nkuko muri Bio ya Instagram yiwe hacanditse, ngo umusi yakinjuye nta nkeka abantu bazobimenya, kuko hari ikizoba kitacanditswe kuri Instagram yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775