BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Dudu agiye nawe guhamvya Diamond mu rudandazwa

Dudu ashobora guhamvya Diamond mu gushira inguvu mu kudandaza umuziki, aho afise umugambi wo gushiraho urubuga, Mobile App, ruzogurisha umuziki hano iwacu.

Dudu T Niyukuri ari mu baririmvyi babona ko ibintu mu muziki ndundi bikwiye guhinduka, kubwiwe,  hagatangura kuboneka abantu bashira uburyo bwabo mu muziki, noneho bakagira ico bagarura, ico yise umutima w’urudadanzwa mu muziki.

Mu kiyago yagiranye na Akeza webtv, avuga ko igituma umuziki ndundi udatera imbere aruko  abaririmvyi batanga indirimbo kwa gusa. Aho akavuga ko hari ababifata nko kugomba ko abantu babamenya, ariko akabona ko ivyo bitazogira ico bimufashije mu buzima busanzwe, nko kuriha inzu n’ibindi vya nkenerwa.  

Dudu akaba muri ico kiyago nyene yahavuye anagobora gato avuga ko hoba hari umugambi ariko arakorako ujanye n’ugushiraho urubuga, Mobile APP, ruzofasha kugira abantu babashe kuronka aho bagurira umuziki.

Dudu akavuga ko mu gihe ca mbere bitegerezwa kuba ivyorohereza abantu, aho bashobora kwumviriza umuziki uwariwo wose bashatse, kuyoba iri kuri urwo rubuga ku mafaranga adashika 5000fbu ku kwezi, 1$, ngo kugira bikunde bamenyereze abantu kuvavanura n’ivya gusa.

Amakuru dufise nuko aho yari mu kiganiro kuri imwe mu nsamirizi za hano iwacu ariko asobanura ivy’urwo rubuga, ngo abantu babikunze cane ku buryo bashaka kuronka ico kibanza bobasha kugurirako uwo muziki.

Twashatse kuronka insobanuro zihagije kubijanye n’urwo rubuga, uwo muririmvyi atwemerera kugira ico atubwiye mu misi ya Vuba. Tukaba tuzobandanya tubatohoreza ino nkuru.

Mwomenya ko baramutse babishitseko, muri Afrika y’ubuseruko bazoba babaye aba 3 bagurisha umuziki biciye kw’I terefone. Akazoba aje inyuma ya Diamond yuguruye urubuga wasafi.com rudandaza umuziki muri Tanzania.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775