BurundiAkes DonBurundi-GospelEntertainmentGospelhomepagekirundiMiss Burundi 2019miss-burundimusicPassport

Dudu aravuga uburyo ariko atanga ivy’afise muriwe

Kubwa Dudu ngo uwumaze gukura, ntasubira kuraba umwanya kw’isaha gusa gusa, ahubwo no muriwe arumva ko umwanya uriko uramujana.

Mu buzima ngo haragera aho umwanya utawuraba kw’isaha ahubwo ngo uwumva muri wewe ko uriko uragenda. Aho rero ngo ivy’uba ufise muri wewe wipfuza gusohora ngo uraheza ukabisohora mu buryo bwose ushoboye. Ivyo n’ibiheruka kuvugirwa mu kiganiro yatanze.

Muri ico kiyago, mu gihe yariko yishura ku kibazo kimubaza, nimba ubu yiyumva nk’umukozi w’Imana, Pastor,canke nk’umuririmvyi. Dudu yishuye ko ari icarico cose ashoboye gukora. Aho akavuga ko ari umuririmvyi, umuvugabutumwa, umu Entrepreneur, n’ibindi vyose ashoboye.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiyago yanavugiyemwo ivy’urubuga rujanye n’ukugurisha umuziki ariko arashaka kuzoshinga. Akaba yavuzemwo ko ari ngirakamaro kugira umuziki ndundi ubashe gutera imbere.

Mwomenya ko Dudu muri kino gihe abarizwa mu gihugu ca Kenya ariho asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vya misi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776